Vyanditswe na Steve Ndikumwenayo

Twaraye duhimbaje umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakenyezi. Ku gatumba iyo mvuka, sinzi ko abakenyezi uwo munsi bawuhimbaje, canke ko boba bazi n’uko ubaho.

Uko igenekerezo rya 8 Ntwarante rishitse, nama nca nibuka abarundikazi birimizi nakuze mbona (Naho kenshi uwo munsi ndawibutswa n’uko ku kazi badusaba kugira ico duteguye, canke nkavyibutswa n’ibinyamakuru, na cane cane ibi bijanye n’ubuhinga bwa none).

Uno munsi sinshaka kugaruka ku ngorane bene abo barundikazi bagira kuva bakiri imiyabaga, kugeza mu busaza bwabo. Vyaravuzwe kenshi, neza kuruta uko nobiganira. [1]

Uno munsi nshaka kubaganirira, mfatiye ku karorero kamwe, ingene abakenyezi birimizi b’I Burundi, ari abahinga mu kurengera kimwe mu bifashi vyinshi bibatega: Kutamenya gusoma no kwandika.

Nk’abandi bakenyezi benshi b’aho nakuriye, Inarugo ntiyari azi gusoma no kwandika. Kandi yari mu bitwa ko bifise kuko umugabo wiwe yararonka amafaranga. Yakorera mu Rumonge.

Umunsi umwe mvuye kwa muganga mu Butwe, nafatanije urugendo na Inarugo[2] nawe ariyo aje ava. Turi mu nzira aza yumva ndiko ndasoma ku capa kiri kw’ibarabara. Nza numva aratangaye ati: “Mbega na wewe wiga kwa Biyakara [3], aka kanya uza uzi gusoma?”

Nanje nti ego cane (nari ntanguye umwaka wa gatatu). Arasubira arambaza ati: “Urazi no kwandika?”, nanje nti “egome”.

Twarabandanije urugendo. Nshitse muhira nashitse nturutsa inka ku muhingamo. Nza mbona Inarugo ansanze ku mucamo, afise urupapuro n’ikaramu ati: Nshaka umfashe kwandikira Serugo.

Kwandikira ku mavi ntivyari vyoroshe, ariko icangoye kuruta uwo munsi, kwari ukwumvikana na Inarugo kuvyo ntegerezwa kwandika, kuko ivyo yambarira wamenga ntibihuye. Mu majambo akurikira nagerageje kugaruka kuvyo nibuka, kuko arivyo vyagumye binzazanira gushika ntahure, ntevye cane, ico yari yashatse kuvuga:

“Ku mukunzi wanje Serugo, mu Rumonge.

Ndakuramukije.

Nashaka kukubwira ko, aho uheruka ngaha, rya kete wanyandikira ryashitse neza. Hamwe vyose vyogenda neza, inyishu izoboneka mu minsi ya Pasika. Niko muganga yambariye. Urazogerageza uze rero muri iyo minsi kuraba iyo inyishu.

Narumvise ko Mubanyi yandikiye abo muhira iwabo avuga ko azoza vuba. Vyoba vyiza umurungikanye udufaranga two kugura akabahasha ko gushiramwo nya nyishu”.

Ndiko ndandika hari aho nahindura nkandika ivyo niyumvira ko bijanye. Ariko yaguma ansubizamwo, mpaka nandike uko avuze. Ndateba ndaheza kwandika uko avyipfuza da. Yamara rero nagumana amakenga, kubera nabona umenga iryo kete ntirisiguritse.

Ikizwi ni uko, muri nya minsi ya Pasika, Inarugo yibarutse ikibondo ciza c’inguvu. Uwo muhungu nahavuye ndamutazira “Nyishu”. Ku gatumba nije jenyene ndamwita ako gatazirano, kandi igituma kizwi na twe na nyina Inarugo gusa.

[1] Uworonka urwandiko rw’umupfasoni Claudine Inamahoro (Kigeme, 1998) yoba adufashije. Rurerekana mu buryo bushimishije ibifashi umukenyezi w’umurundikazi acamwo kuva akivuka kugera agere mu bigero

[2] Inarugo, Serugo na Mubanyi si yo mazina abo bantu bitwa. Nayakoresheje kugira nkingire akarangamuntu kabo.

[3] Jewe nize kw’ishure ritoya rya Ruzira. Ryubatswe n’abanyagihugu, hafi y’umuhana w’umuntu yitwa Biyakara. Abantu bararisuzugura kuko twatanguye twicara ku musezero (ku vyatsi vyishinge), hanyuma ku bihindiro vy’ibiti. Tumaze gutera imbere twicara ku bipapi.

(Isanamu ya Guy Basabose)

Steve akorera muri Somaliya