Vyanditswe na Ihorimbere Judicaël

– “Ni ahejo, ndagukunda”

– “Nanje ndagukunda”

Uko niko bari baraye basezeranye n’umukunzi wiwe. Ciza bari baraye bavuganye n’umupfasoni wiwe. Ivyuma ntivyasezeranye ariko kubera Ciza yari afise ngendanwa zibiri, yaciye akoresha umuhora wa Telecel. Yari yabanje gukoresha umurongo wa Onamob ariko amahera yari yamuheranye. Mugisha, umukenyezi wiwe yari amukumbuye. Bari bamaze indwi zitatu batabonana kubera Ciza yari amaze iminsi akorera muri komine ya Songa, mu Ntara ya Bururi.

Ciza yari yaronse ikiraka yari ahawe n’ishiramwe ry’abadagi ryakorera i Burundi. Bariko bagerageza gutera imivyaro mishasha y’ibitoke, bavuga ko birinda indwara yari ibangamiye ibitoke kandi vyera ningoga, bisavye akazi atari kenshi. Be n’abo bakorana bari baraye basezeranye ko baza guca i Bururi, hanyuma bafate irya Rumonge. Ariko ivyo ntiyarinze kubibwira Mugisha kubera yari azi neza ko boca babishwanira. Yari yamwemeje imbere yo kugenda ko badashobora guca kw’ibarabara ritarimwo umutekano ukwiye kubera baravuga gose ko ayo mabarabara atarimwo umutekano mwinshi cane.

Burakeye i Songa. Ciza n’abo bategerezwa gufatana urugendo barazinduka baritegura. Mu modoka bafata urugendo ari bane: Ciza yari atwaye imodoka, Kaneza bakorana, yari afise abana babiri, umwe afise imyaka indwi, uwundi itanu; Nzeyimana na Kabura bari abasore babiri biga muri ISA, bari baje kwimenyereza muri izo ndwi zitatu. Isaha zitanu barafata urugendo baragenda baja i Bururi.

Ku nzira yabo baca iruhande y’uruzi Jiji. Ciza abayagira ingene urwo ruzi rwari ruteye ubwoba kubera rwari rwaratwaye abantu atari bake. Bari bararuhaye n’itazirano kubera igitigiri c’abantu rwari rumaze gutwara kitari kigira ingene kingana. Baraheza barabandanya inzira yabo umutima utari mu nda gose, kubera Ciza yabibayagira abatera ku rugero ruteye ubwoba. Baratinda barashika aho amabarabara atandukanira, rimwe rija i Kiremba, irindi rigenda i Bururi, barakomeza urugendo.

Kubera ko ibarabara ryarimwo ivu, kandi hari mu gihe c’imvura, bashikiriye ikaburimbo batevye. Vyongeye hari ikiraro baciyeko cari kiri mu gusenyuka. Bageze gushika i Bururi nk’isaha indwi z’umuhingamo. Baca baca mu kabari kwihereza udufungurwa. Baratumako intavugwa, nyen’ibari ati: “amahera imbere”. Abandi nabo baratangara ingene abatse amahera imbere. Nawe ati:”Hiharaje ubusuma, nico gituma abo tutazi neza tubarihisha imbere”. Intavugwa zirotswa, barazibahereza, barafungura. Baraniyongera inzara yari ibarembeje.

Isaha umunani barafata inzira barakomeza urugendo. Haheze isaha barashika mu rumonge. Barahagarara kubera Ciza na Kaneza bashaka kugura imikeke bashira imiryango yabo. Yari myinshi, ntiyagurwa ikirenga. Umwe wagurwa ibihumbi bitatu. Ciza agura iy’ibihumbi cumi, Kaneza nawe iy’ibihumbi mirongo ibiri. Yari azi ko abana biwe bayikunda. Maze barakomeza urugendo. Baca barahura n’umusore abasaba ko bomwunguruza bakamushikana. Nabo baremera, ariko Ciza umutima ntiwari mu nda. Ntihari mu bihe vyiza, Ariko Kaneza bakorana aramwinginga uwundi aratinda aremera.

Baramwunguruza. Bagenze iminota mirongo itatu, barashika amarora kuri Saga Resha. Nta bantu bari bakija aho hantu, ibihe ntivyari vyiza. Barahagarara umutima uri mu kirere. Uwo musore yari yababwiye ngo aba mu micungararo, yari yagiye gushora amamesa. Arabasezera. Avuyemwo Ciza ariruhutsa, ati:”Nari nagize ubwoba ko ari muri ba bandi”. Baca barahora, bibutse aho bageze.

Bagenze iminota nk’itatu, baja babona abantu babiri bambaye impuzu za gisirikare. Umwe ari kw’ipikipiki hagati mw’ibarabara. “Turapfuye, turapfuye” : induru ku munwa, Kaneza arayiha urushi. Ba basore inyuma bamwerekeza iyindi. Ciza aho ari umutima uramuvamwo. Atangura kwiyumvira umukenyezi wiwe Mugisha bari bamaze amezi indwi bubatse. Yiyumvira ko ari atagisubira kumubona. Amafyirimbi ng’ayo aravuze. Ciza araraba abo bari kumwe mu muduga. Arahindukira araraba ya misore bari kumwe, atangura kwiyumvira ko ata myaka mirongo ibiri n’itanu bagira. Arahindukira araba Kaneza, asanga amosozi yatanguye gutibagurika.

– “Sohoke mwese ubu nyene, Nimuve muri uwo muduga munyarutse kandi” , ba bagabo barabakankamira.

– “Mwatubabarira turinda kuva muri uno muduga ka buki?”, Ciza arihagararako, abo bari kumwe mu modoka ubwoba bwabatekeye.

– “Murumva canke ntimwumva, ndarasa”, Aho rero umwe muri abo bagabo yari yamaze gufora

– “Egome reka tuvemwo”, Ciza arapfa kwemera

Inyuma y’imodoka haca hanyeguruka abandi bari binyegeje. Mu minota ibiri, ba bagabo baba babaye icumi. Ciza n’abo bagendanye baruruka ya modoka.

– “Ryama hasi mwese”, umwe muri ba bagabo arasemerera

– “Oya ntibarinda kuryama, nibaduhe ivyo bafise kuri bo vyose, tuce tubereka”; uwundi aramwunganira

– “Oya nimutubabarire, turabaha ivyo mwipfuza vyose” ; Ciza arabasubiza

– “Yoooo Abana banje yemwe, ndabasize bo nyene, ndabataye ari imfuvyi, yooooo”, Kaneza yongera gukoma induru.

– “Oya ntitubababarira, uno munsi ni uwanyuma”; uwundi mugabo arongera

Aho ga ivyo babibaza batanguye kubasopa mu mifuko. Baranabahereza amafaranga banyegeje mu muduga. Barabakura ibirato, umwe muri ba bagabo yari yicaye kw’ipikipiki asemerera:”Duhe n’iyo migufu mwambaye, n’izo mpeta buno nyene”. Uwundi ati :”Tubatware n’izo bambaye”. Ba basore Nzeyimana na Kabura batangura gutakamba, basaba ikigongwe. Kaneza yongereza induru, Ciza nawe ubwenge busa n’ubugiye.

Muri uwo mwanya, baja bumva ngo “Turiiiiii”. Ciza ubwenge buragenda. Urusoro ng’urwo ruragiye, inkoho irasirana

– “HAGARIKA BUNO NYENE” Umukuru wabo arasemerera. “Uno munsi twavuganye ko ata maraso aseseka”

– “Koloneri, reka basi tubahe bimwe bizira … ?”

– “Eka navyo nyene ntibikorwa uno munsi, Nimuve hasi buno nyene, musubire muri uwo muduga” Umwe asa n’uwubarongoye arabaha itegeko.

Ciza afasha Kaneza kuva hasi, Nzeyimana na Kabura barahagukuruka. Barandaza Kaneza, barinjira mu modoka. Wa wundi yari abarongoye aca arabakankamira : “Atsa iyo modoka mumve mu maso buno nyene”. Ciza ntiyabariwe kabiri, aratsa wa muduga, arawutwara, bava hasi bavumbuka.

Barinze bashika mu Kanyosha ata wukuye ijambo mu kanwa. Bashitse ubwenge bwayaze. Ico bikoze, uwo muduga wagiye uraguruka. Za manga ntibaziyumvira. Nta n’uwaravye n’akanya ko kuraba izuba ryariko rirayagaya hejuru y’amazi ya Tanganyika.

Bashitse mu Kanyosha, Ciza afata ngendanwa imwe yasigaranye, yari inyegeje munsi y’intebe yicarako, ahamagara Mugisha. Imbere y’uko anavuga ijambo, yumva akajwi gasosa k’umukunzi wiwe, karengera muri iyo ngendanwa yiwe amubaza ati:”Ncuti washitse i Bujumbura?”. Ciza aca araturikisha ararira.

***

Ciza na Mugisha haheze amezi ane, baciye bibaruka umwana w’umukobwa. Ubu bafise abana batatu, uwo mukuru atanguye kaminuza. Kaneza n’umuryango wiwe baragiye muri Canada n’iyo baba. Nzeyimana yahavuye aba umwarimu muri Kaminuza, Kabura nawe atwara uwo mugambi w’iterambere bari bagiye gukorera ico gihe.

(Isanamu yavuye kuri snipview.com, yakuwe mw’ireresi Nawewe)

PS: Kino gisomwa kiri mu rwego rw’ibisomwa bita fiction

Judicaël aba mu Bubiligi