Vyanditswe na Donatien Mpawenayo

Ubuheruka nanditse ntanga iciyumviro c’ivyokorwa ngo abarundi n’uburundi tuve hasi dukire maze twiteze imbere. Navyise ko ari umuti. Muhava mumbaza muti, mbe hari uwutanga umuti w’indwara aterekanye?

Mu bisanzwe iciyumviro cari catanguye kuza igihe nariko ngerageza kwihweza igihugu canje n’ingorane kirimwo, cari ukurondera neza na neza aho ingorane iri. Nibajije nti, ni hehe hari umuzi w’ibi bintu vyose turiko turabamwo uyu musi mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na kane?
Ivyo ari vyo vyose si ikintu catanguye mu gihumbi kimwe n’amajana icenda na mirongo itandatu na rimwe aho umuganwa Rudoviko Rwagasore yagandagurwa kuko nta muntu yari kumugandagura ubwo nyene atabiteguye imbere y’igihe.
Eka nagize nti si n’ivyabaye mu mirongo irindwi na kabiri kuko biboneka neza ko ari ingaruka z’ivyiyumviro vyateguwe neza bigashirwa mu ngiro inyuma y’imyaka n’iyindi biriko birigwa vyongera bishirwa mu ngiro n’ababiteguye.
Si n’ivyabaye mu mirongo umunani n’umunani kuko naho nyene kwabaye ugukorera ku ngaruka mbi z’urwenge rw’ivyiyumviro gushika ico gihe abarundi batari bwagundure, eka n’ubu bataragundura kuko tugikorera kuri izo ngaruka z’urwo rwenge, ni ukuvuga iciyumviro kitari ciza caremwe muri kahise kikaba kiriko kija mungiro ubu. Si n’ivyabaye mu mirongo icenda na gatatu vyabandanije gushika mu bihumbi bibiri na gatanu vyoba ari igituma c’indyane ziri i burundi. Haba namba!

Ku bwanje, ndiko ntanga iciyumviro nitegereje ingene ibintu bigenda bibaho kw’isi, haba ubu canke muri kahise.

Akarorero: Umutware “Alexandre le Grand” yatwaye ’empire grec’ bivugwako yari yigishijwe n’umwiyumvirizi azwi cane kandi akomeye yitwa Aristote. Abatwaye Uburusiya (Lenine), Ubudagi (Hitler) mu myaka iheze bari bafise abiyumvirizi babahaye intumbero y’ico bipfuza gushikako. Maze aba batware baje bashaka kugishira mu ngiro vyonyene. Iruhande yacu muri Tanzaniya, umutware Nyerere yari afise iciyumviro ashaka gushikako n’ingene ashaka kugishira mu ngiro. Yaragerageje uko ashoboye kandi isemo yashitseko, uwushaka kuribona naje i Tanzaniya arabe ingene abanyagihugu babayeho muri rusangi naho inyuma yiwe abamukurikiye baje bari ‘mu mufuko’ w’ivyiyumviro bidatomoye neza.

Ku bijanye n’Uburundi, tuzi neza ko imbere y’aho twinjiranwe n’abavamahanga, Uburundi bwari ubwami aho abantu bari bafatanye mu nda, bavuga rumwe, umwe wese afise ico aterera uko ashoboye na canecane ku munsi mukuru w’umuganuro. Ubwo bumwe bwateye ubwoba aba bavamahanga baje kudutwara. Kubera ko twavuga ururimi rumwe, tukagira imico n’inyifato zidatandukanye cane mu gihugu cose, vyatumye barondera uburyo bokoresha kugirango bashike kuco bipfuza: kuducanishamwo maze babe abatware bitwa abaduhuza. Murazi ko batanguye kurondera guteranya umwami n’umukwe wiwe, mu gihe inanga ya Maconco yoba ari ukuri. Ivyo bidakunze baciye baja kurondera ibintu nyakuri bituranga, kuko ni incabwenge zize n’ibijanye n’abantu, bafata n’amajambo twari dusanzwe dukoresha bayakoresha mu kuduteranya. Ehe namwe raba, uravye abantu baba mu ntara y’umugamba: ni abantu mu bisanzwe kubera aho baba n’ingene ibihe vyaho vyifashe, bategerezwa kugira inyifato zitandukanye n’ababa mu kiyaya c’imbo. Ivyo ni ko Imana yabitunganije. Ni ko vyifashe kw’isi yose. Abantu bafise uko babona ibintu, uko bifata, n’uko babayeho bivanye n’aho baba ingene izuba rihakira, ingene isi yimbuka canke itimbuka. Ivyo vyose bica bituma batora ibiterwa barima, ivyamwa batera, eka n’ibikoko borora. Raba namwe: i Buraya ntibashobora kuharima imyembe kuko hama hakanye. Ni nk’uko mu Burundi udashobora kuharima imizabibu kuko hatigera haba ubushuhe buri musi y’ubusa. Ba nyakuntunga bararavye ubwo budasa mu barundi bufatiye ku kugene ababa aha canke hariya biyumvira muri rusangi, canke ingene babayeho, canke ingene baba baremwe baca baba nivyo bafatirako mukuducanishamwo. Mu bisanzwe ubudasa si ikintu kibi ni ingabirano Imana yahaye abantu kugira ngo habe uburyo bwinshi bwo guhanahana ivyo ubudasa bwacu buturonsa, maze bigatuma dutunga kurusha. Turashobora gufatira kuri ubwo budasa tukiteza imbere.

Ahandi, umuntu azi ko asanzwe yararonse ingabirano yo kuba umworozi, agerageza guteza imbere iyo ngabirano yiwe, kuko kenshi naho aba aba haba haremewe ko ubworozi bubabworoshe kuruta ahandi. Uwo Imana yahaye ingabirano yo kuba umurimyi, agerageza guteza imbere iyo ngabirano yiwe maze bigafasha umworozi bikongera bigafasha n’abandi. Ariko ico abiyumviriye kuducanishamwo bagize ni igiki?

Bafashe batangura kwerekana ko kuba uba muri iki gice c’igihugu ko uca uba uri umurimyi canke umworozi. Ariko ivyo si vyo kuko mu Burundi bwose aho ariho hose uburimyi n’ubworozi birakunda.

Berekanye ko aborozi, ababa mu gice c’igihugu kirimwo benshi, aribo bari hejuru y’abarimyi maze barabaha n’ingene bababona: barebare, bafise izuru rirerire,… ariko ivyo biva ku kuntu aho baba hameze n’ingene bategerezwa kuhaba. Imana ituma baronka umubiri ujanye n’aho baba. Ubworozi ntaco burusha uburimyi, vyose birakeneraniye.

Ko abarimyi ari abasuku b’aborozi ko ari mugufi, ko izuru ryiwe atari rirerire,… babashize musi y’aborozi: uburyo bwo kubacanishamwo kuko atarivyo: umurimyi niwe abeshaho abantu bose. Iyo atabifungurwa biriho nta muntu n’umwe, eka n’ibikoko, nta n’umwe yoshobora kumara kabiri kuko twese dutegerezwa gufungura kugira ngo dushobora kurangura ikindi gikorwa ico arico cose.

Ingaruka mbi vyatuzaniye ni uko mu Burundi kwitwa umurimyi ari nk’igitutsi uyu munsi. Mumbarire namwe! Iyo umuntu indangamutu yiwe yanditseko, ku gice c’ico akora, ko ari umurimyi, kenshi ikiza mu mitwe y’abantu ni uko atazi gusoma no kwandika, ko yisurirako ivu, ko ahamba amaguru, n’ibindi n’ibindi bishira hasi ico gikorwa ntahara mu buzima bwa zina kiremwa muntu. Sinzi uwamye antera inkuru avuga ati, abantu bateye imbere, ikintu cambere babanza kurwanya ni inzara. Iyo nzara nayo mu kuyigwanya ni ukurima bakimbura bimwe bishemeye ku buryo ha kwitwararika ivyo gufungura usanga bitwararika ibindi bibazo kuko ico baba baragikemuye. Nk’uko tubizi inda ishonje iziba amatwi!

Ariko akamaramaza karaje iwacu mu Burundi! Witegereje amashure y’abigenga yugururwa muri iyi myaka icumi iheze, nimba ntihenze, nta shure narimwe ryitaho ivy’uburimyi n’ubworozi mu gihugu mirongo icenda n’icenda kw’ijana turi abarimyi ufatiye kubiharuro abantu bakunda kuvuga. Benshi bugurura amashure y’ubucamanza canke y’ibijanye n’ubutunzi, jewe noyita amashure y’ibijanye n’uguharura amafaranga! Mu bisanzwe uvyihweje neza neza, baraba ko ahanini abarundi twama mu ndyane ari na co gituma dukeneye abadutaturira amatati! Mugihe abo bayadutaturira badafise akazi birumvikana ko bayarema maze babone kukaronka: igituma hama indyane z’urutavanako muri iyi minsi. Abize ivyo guharura amahera nabo nyene nibagwira bategerezwa kurondera uburyo bwo kuronka ayo baharura. Nabo nyene kuko ari ikirenga uravye amashure yigisha ibijanye n’ico gisata, bagerageza kuronka ayo baharura uburyo ubwo aribwo bwose! Vyumvikana ko ubusuma, urwenge n’ibindi bizobandanya bishinga imizi kuko hakwigisha uburyo bukemura ikibazo dufise, incabwenge zacu zitwigisha uburyo bwo kubandanya twinjira nyabuna mu rufatane rw’ingorane! Ni uko jewe, n’agatwe gato kanje mbona ibintu.

Kumbure uwushaka ko Uburundi busubira bugahaguruka ni abanze azane inyigisho nkundisha karanga kacu: Ururimi, uburimyi, ubworozi. Yerekane ko ari wo mushinge w’iterambere. Nta muntu n’umwe azohaguruka ngo yiyumvire ibitumbereye afise inzara mu nda, ntibishoboka. Turi igihugu abantu baciye ubwenge mu burimyi, igihugu imvura igwa amezi arenga umunani mu mwaka, igihugu dushobora kurima ibiterwa bitandukanye. Ni inde ashaka ko tuzomwibuka ko yadukuye mu rupfu rw’inzara akadushira mu nzira y’iterambere abanje kudukiza inzara yo itubuza kwiyumvira umuti w’ukuja mw’ihiganwa n’abandi? Jewe nibaza ko n’umutekano ari muke kuko abantu bashonje. Barondera uburyo bwose bwo kuronka ico barya. Aho niho hafatiye ikibazo. Iyo caje kiva ni uko abaducanishijemwo berekanye ko igikorwa shingiro (travail fondamental), ari igikorwa c’abantu bari hasi, bakengeretse! Vyatumye tukibona ko atari ciza. Ubu twese twirukira kuba abacamanza, abavuzi, abaharuzi b’amahera, n’ibindi vyose bidushira kure y’uburumyi!

Kenshi abaduteranije baraciye ubwenge ku buryo bakoresha benewacu nyene mu kuduhuvya kuko vyukuri ntiturabona ko umuzi uri muri kahise. Ako kahise nako umwe wese aguma akikwegerako ashaka guta ikosa kuri mugenzi we tukibagira ko turiko ducapa umurongo uhese wugaye mu kwigenza gutyo, mu kuguma twagirizanya. Kwagirizanya ntaho bizodushikana. Ugushaka gukira ni uguhagararana tubangabanganwa maze tukaraba iyo tuja n’iyo tuvuye.

(Isanamu ya Rosalie Colfs)

Donatien aba i Tunis muri Tuniziya

Murashobora gukurikira This Burundian Life kuri Twitter na Facebook