Vyanditswe na Judicaël Ihorimbere

Abaciye muri maternelle canke  gardienne barazi ko ari imyaka iryoshe cane, imyaka ata kibazo kigoye na kimwe kihari, imyaka bigisha abana gucapa imbata bakoresheje igiharuro 2 n’utuyabu bakoresheje igiharuro 6. Abana bariga gusiga utubara mu mizingi, inyabutatu, n’utundi ducapo. Urahigira uturirimbo nka “Beti baba c ojudwi ta fete, mama radi ka ti nete pa laaaa, vwasi de fler pou courone ta tete, un dou beze pou consore ton keee, Beti baba, Beti Baba” – Petit papa c’est aujourd’hui ta fête Maman l’a dit quand tu n’étais pas là,Voici des fleurs pour couronner ta tête, un doux baiser pour consoler ton coeur, Petit papa, Petit papa –  canke “fere jake, dome vou, sone re matine dindando…” – Frère Jacques, … –  Naho abana abana baba bakiri bato, iyo myaka barigiraho ko mu buzima hariho amategeko, kandi ibintu bifise uko bitonze.  Hari umurezi mbere yambwiye ko ari imyaka ikomeye kubera umwana ahigira ko hariho “forme d’autorité” ategerezwa kwubaha no kwubahiriza. Imyaka wigaho uhanirwa kudakurikiza ivyo mwarimu akwigisha, hanyuma umwaka uheze mukaja gutora impapuro ko mwabaye aba mbere.

Uvuye muri iyo myaka ya maternelle, uba utakiri akana gato gose, ya autorité navuga wiga urakomeza kuyiboneraho. Ariko iza iteye ukundi… “Délegué(e) impa urutonde rw’abavuze bose mw’ishure… Umuntu wese mpamagara azi ari kuri runo rutonde abe aritegura gukubitwa…” Ng’ayo amajambo abatari bake twakuze turereshwa ku mashure twagiye turacamwo. Ni ho utangura kubonera abana baregana, … abana bitonesha, bamwe bazanira inkoni umwarimu, canke bakamuzanira ikimoko – tuyau y’amazi igegenye. Nibutse ingene zari zibabaza, n’ubu nca numva umutima ngo hweee. Ese haragize uwuzana zirya tuyaux zonze, ni zo zababaza kurusha izivyibushe. Basha chicotte canke ikimoko, sinzi ingene mwayita – bivana n’uko wiga muri privé canke muri Leta – Inkoni niyo yahava ikaba ikimenyetso ca autorité. Ninde yavuze? Ikimoko…. Ninde dàd(devoir à domicile) yananiye gukora? Ikimoko … Ninde yacerewe kw’ishure? Ikimoko… Ninde interrogation yananiye? Ikimoko…. Ikimoko cari co nyishu y’ibibazo vyose… Ntibagiye ibinuma, amakofe, amakonzi, … Umwe wese bivana n’ivyo yabonye….

Uri umwana, kwitwara vyava he? Ko arivyo abana bamwe wasanga arivyo bararereshejwe kuva mu buto bwabo. Wewe wokwitara ku ntare wakomowe n’isato? Nari mfise abagenzi bari bafise ba Se na ba Nyina bari bazwi ko mu guhana ari karuhariwe. Urazi gukubita abana bawe gushika aho bimenyekana muri karitiye yose ko mu guhana wiva inyuma? Ndibuka urunganwe twakuranye, ko hari abo nigeze kuja iwabo tukiri abana, ico gihe twari kumwe n’abana benshi twagiye gukinayo. Murazi ko Se atashe twagiye twumva bakoma induru ngo “Papa arajeee”, abana twari ngaho twese twaciye ku biti n’amabuye, mu bitoboro (ivyanzo) n’ahandi, umengo hari hateye indwano. Motif ngo turakubitwa, papa wabo arakara… Mu majambo make, nk’abo bana bari kuja kwitwara he umwarimu yabakubise? Kwa Se? Kugira abongere, arushirizeho n’abarimu… Canke atonde kw’ishure kubakubitiraho kugira yereke abarimu ko yitwararika gose indero y’abana biwe? Eka da, baca bahora, imimyoro y’inkoni ikazotinda ikazimangana… Iyo mimyoro nayo nyene ndayibuka nkiri muri primaire

Ikinsiga n’ubu kingora gutahura, ni mu gihe umwana yakubitwa kubera ikibazo camunaniye… Gushika n’ubu sindamenya ko gukubita umwana ananiwe n’ikibazo bica bimutuma amenya ubwenge kurusha. Nibaza nyabuna ko bigaragaza ubujuju bw’umurezi wiwe. Nk’akarorero notanga. Sinzi ko mu mashure matomato mwize kwivuga amazina (ndi muto sindi igito, narazanye mbanda y’imigongo…) ku bahungu hamwe no guhoza umwana (hora hora nkwinginge…) ku bakobwa? Sinzokwibagira ingene twavyize kw’ishure nigako. Baduhaye iminsi itari myinshi gose yo kubifata ku mutwe, iyo minsi iheze abatarabimenya bakubiswe inkoni zibiri. Mw’ishure nigamwo nta banyeshure barenga batatu bari bashoboye kubifata ku mutwe. Mwarimu aca afata ingingo yo kugwiza na kabiri inkoni, ku munsi uzoba uheze utarabifata ku mutwe. Le lendemain, abatari bwabimenye twakubiswe inkoni 4, deux jours après inkoni 8… hariho uwakubiswe inkoni 64. Uwari kubona umwarimu ingene yabira akayashu akihanagura ariko aradukubita yari kwiyumvira ko avuye mw’ikarashishi ikomeye…

Ikibabaje ni uko hariho abarimu wamengo birabaryohera. Uzi ko hariho abarimu bagutwenga bahejeje kugukubita… ” Ehe ngo kirarize… Rira gose nyoko yumve aze arabe ico ubaye …”. Jewe ndabiteye inkuru bavyara banje, hari uwambwiye ngo ahubwo mwebwe murigirisha. Ngo bo babarungika gupfukama ku dupfundikizo tw’ifanta(capsules), bikoreye amabuye ku mutwe, bateruye ayandi amaboko ari mu kirere…

Umenye concours national, waca witwa ko wakuze. Ivyo gukubitwa kw’ishure waba ubirenganye. Quoique hariho abarimu babandanya bakubita abanyeshure muri secondaire. Haca haza système y’amanota yo mu ndero. Ikosa ryose ukoze, baca bakurungika kwa prefet de discipline ngo bagukure amanota. Hambavu y’abarimu hari aba encadreurs bafasha kuraba ko règlement yakurikijwe neza. Wibagiye gusobeka ishati? Genda bagukure amanota… Wacerewe? Muri préfecture de discipline… Wavuze mw’ishure? Wari kuri liste délegué yatanze… – 5 points mu ndero… Tricherie à l’examen… Aho ho ni échec mu ndero… + renvoi temporaire… Wakoze ibidakorwa… Iyo ni renvoi définitif nta n’ibindi bindi… Kenshi ivyo bihano vyajana n’ibindi vyo gukora ibikorwa nko gukubura, gukoropa, kurima, kwegeranya imyavu,…

Ngira aho nakandikiye biraboneko ko ntari fan wa châtiment corporel canke abus d’autorité biva ku murezi. Iyo ndavye aho abantu bishikana mu buzima bwabo nta muntu yoza kumbwira ngo bahishikana kubera ibimoko bakubiswe canke amanota yo mu ndero bakuwe. Hariho ibibazo bitari bike bijana no guhana abanyeshure. Mbega nk’iyo umunyeshure n’umurezi binjiye muri conflit iri déclaré hariho procédure itegekanya ingene ico kibazo gikemurwa? Ivyabona vyabo aba ari ba nde? Abandi banyeshure canke abandi barezi? Nka rirya bara ryabereye muri komine ya Bwiza aho umwana yari yirukanywe burundu akaca afata igisu ngo yiyahure ni ibintu dushobora gusigura neza imvo n’imvano? Uwumvirije ivyo abarezi bavuga akumviriza ivyo umwana avuga canke abandi banyeshure bavuga kirya kibazo umuntu yogikemura gute?

Nanditse ntanga uburorero bwo mu mashure… Ntihagire uwuzotangara yumvise ibintu bitangaje biba hirya no hino. Nta mwana yakora akazi ko mu nzu mwumvise yaturiwe na Shebuja mu Kanyosha, amuturiza ubumwanya? Muramaze kubona ingene abagirijwe ubusuma iyo bafashwe, batawe muri yompi ari igitangaro c’imana. Naho nyene bashikayo bari intere kubera bahohotewe… Akenshi baricwa, nk’abari hano bishwe bahowe impene mu Ruyigi, canke abari hano nabonye bakubitwa nk’inzoka – Imana ibakire mu bwami bwayo – akandi karorero, murabaza abanyuzuwe muri Kaminuza mu myaka yahera ingene banyuzuwe bakubitwa…

Kuvuga menshi si ko kuyamara, ico tutokwibagira ni uko iyo abana bakuze barereshwa inkoni, twese tukabibona ko ari ibintu bisanzwe, ntihagire uwamira, tutotangara mu myaka iri imbere bamaze gukura ari bo bariko babikorera abandi, canke bakarushirizaho. Hari umunsi wijana batavuze hirya no hino abantu bihaniye, kandi bagahanisha “inkoni”? Jewe nibaza ko bifise iyo biva, bitiyadukiza gutyo. Bihera mu bintu twita ko ari bitobito, ugasanga mu nyuma bisigaye ari ibintu birenze. Dukwiye kuhagabira ntituzohave turera abazohana abana nka wa mukobwa ashinzwe kurera umwana amaze iminsi aca kuri internet ariko akubita akana ashinzwe kurera…

Yamara aba kera bari barayamaze bati inkoni ishikira igufa ntishikira ingeso…

(Isanamu yakuwe kuri afrikraneuse.blogspot.com)

Judicaël aba mu Bubiligi