Vyanditswe na RM

Maze kwandika “Re : que pensent les femmes“, hari uwankebuye ambwira ko ari jewe, nkuko nama, nkikiri inyuma y’amajambere. Ngo aho agendera abarundikazi batatu kuri batanu, ngo “baripangira”. Ngo kandi bimugwa neza cane => ntiyanka [kwe kwe]. Naryohewe, iswingi zindembeje no kumva ivyansize, nza numva ngo: “ariko, sinibaza ko notwara umwigeme yanyirehereje…”

…Warakoze kunyungura ubumenyi. Ubu naho, reka mugenzi, mbandanye ndagusaba unsigurire… Urazi ko ndakwemera cane…

Nakuze nsamarira abo tutabusangiye
Yamara, baranyirandishije ngo ntawuzonyemera!
Kukaba nkako…
Nanje nti: akaga!

Ngaho, reka “nipfire” nabi
Kuko ntaco nkicera.
Ariko, agakobwa kanje sinze mbone bakimye bwakeye kubera ubwoko canke intara.
Ngaho, ngaho, umuhungu wanje ntituzoze kumusabira ngo mudusubize inyuma, dutahe zirayoye kubera ubwoko canke intara…
Ata bubegito canke imigenzo mibi mwadutoye!

Nsigurira:
Bo ko babupfuye, bungutse iki?
Twebwe bavyaye, twungutse iki?
Oya nsigurira…

Ntuduge muri kahise, ndazi ko ufise ka kiritire generare gakarishe.
Nkundira nyabuna tumandagare muri kazoza.
Nimba witeze kuzoguma muri kahise,
Reka ndakubwire ko kakunaniye kuko:
Abigiriye kwa Yezu, ntituzobagarukana.
Ubuzima utabayemwo ukiri muto ntabwo uzogarukana
Ntabwo uzosubiramwo, karabaye!
Tumandagare muri kazoza rero…

Mbe uriko uribona mu minsi iza
Wigisha amacakubiri umwana wawe
Abandi bariko babigisha uko iPhone 10 ikozwe?
Bariko babayagira ubuzima bwa Steve Jobs?
Turacari mu ntambara canke isa nk’iyaheze?

Kuki bamwe biboha mu mitwe
Ukamengo kwinuba abandi nivyo bizobatungisha?
Erega politike siyo izotugwiriza itunga… canke? Nsigurira!

Abandi nabo, bicura ko boba bankwa atawabibabwiye.
Kuki twibwira ibintu? Ka communication ntako tuzi?
Canke twakitiranije na za “like” zo kuri fesibuke?

Birashoboka ko ndiko nkubita ku ruhande (taper à côté)
Ariko basha, ehe, reka twiyumvirire hamwe.
Kuki tutinubana dufatiye ku bwenge ariho amakungu adutegera?
Ababufise barazi yuko ataco bimaze
Kuko twese ntitwahawe ubungana.
Ahubwo bafise umutwaro wo kubwungura abahawe buke.

Nimunsigurire ukuntu, uku kwinubana dufatiye ku moko canke ku ntara kuzotuma:
Igihugu cacu gikwega ingezi
Duteka imitwe kugira twubake za chomêeeh de fele
Twubaka ingomero (piscines) mu ma karitiye no mu mitumba myinshi
Twubaka ubunywero bw’icayi bwa kijambere mu ma karitiye no mu mitumba
Dukora ama tisi mezameza (ayoroshe n’ayagumye), ba stylistes bo narabonye ko bagwiriye (ndabishima), kugira tuzoze turagira ka shopingi bitatugoye, turuhuke za balo?
Turonke ibitaro vy’inryamunyu, abagwayi bacu bareke kwangara.

Murantunga, ndivugira,
Ariko uwufise iyindi migambi twoyiga…
Mushaka mbandanye?
Canke mwatahuye ko mu minsi iri imbere
Tutaravye neza, tugiye kubaho ukuntu?

Barundi, bamwe bakuze ahatagira amatara
Nta mwikomo ndabatako, niho bagejeje kandi barakoze!
Batambuka ibirometero vyinshi kugira baje kw’ishule.
None twebwe natwe ntitwocréa?

Mu kwakira akaganuke, ubanza gushira hasi ivyo wari ufashe mu ntoke.
Kugira dufate inzira y’iterambere, hari vyinshi tuzotegerezwa kurekura.
Ndakunda ukuntu abakizwa “bakora”:
1. Urashaka kwakira Yesu mu bugingo bwawe?
2. Wemeye, pfukama hasi tugusengere, uze urasubiramwo…
(Murantunga nimba nabivuze ukutariko)

Nanje mvuze nti:
1. Turashaka ko Uburundi bwose (apana Bujumbura yonyene) iba ka Swisi ka Afrika?
2. Tuvavanure n’ukutamenya! Ntitwemere abaduhenda, ubujuju tubugire indahiro.

Ehe sha, ndaguhaye ijambo, ingo tuyage!
Ubwo bujuju… ni ubuhe?

RM aba akongera agakora ibujumbura

(Isanamu ya Arnaud Gwaga Mugisha)

Murashobora gukurikira This Burundian Life kuri Twitter na Facebook