Vyanditswe na Ihorimbere Judicaël

Gahungu ni umugabo w’imyaka mirongo itatu. Mushikiwe mukuru Kezakimana barutana imyaka itari mike. Barafise n’abandi bavukanyi batanu, hagati yabo hakaba haca abana babiri.

Ejo bundi Kezakimana yari afise ikintu kimwe kimubakiye umutima, akeneye umuhanuzi yomufasha gutorera inyishu ibereye kuri ivyo bibazo vyiwe. Niko kubaza Gahungu ngo amuhanure, nawe aramuha umwanya wo kumwumviriza. Yamwumvirije kuva kera yiganira Kezakimana ico avyiyumvirako n’ukugene yobigenza.

Haciye iminsi Gahungu abaza mushikiwe uko ivyo yamuhanuye vyagenze. Asanga ivyo yamuhanuye nta na kimwe Kezakimana yakurikije, ahubwo yafashe iyindi ntumbero ihushanye gose. Gahungu ntiyarinze arabaza Kezakimana igituma yafashe ingingo ihushanye n’ivyo bavuganye kubera yari azi ko yahanuje abandi bamukurira baca bamuhanura ibindi… Murazi namwe ko impanuro z’umuto zitangana n’iz’uwukuze. ibintu bimeze gutyo muri kamere ka zina muntu. Abantu dufise uko bateye. Impanuro umuntu atanze murazi ko zikurikizwa bivana n’ikibanza uwuhanuje aha umuhanuzi. No kwa ba Gahungu bimeze uko. Incuti ziwe ntizifise ijambo ringana: abize n’abatize ntibafise ijambo ringana, abakuze n’abato co kimwe, abagabo n’abagore gutyo nyene…

Gahungu afise umugenzi wiwe yitwa Kana yama amubwira ngo ata mahera nta jambo, vyongeye ngo uwukurusha itunga akurusha n’ubwenge. Kana we rero yivugira ngo havuga amahera. Kana abivuga kubera abibona iwabo mu muryango. Se na Nyina nta buryo bwinshi bafise. Naho ari bo bakuru mu myaka, ivyo bavuga bidashigikiwe na benewabo batunze ntivyumvirizwa. Nko mu nama z’imiryango ijambo ni irya benewabo bafise uburyo bwinshi.

Abo bahungu babiri murumva ko batiyumvira co kimwe naho barezwe kumwe. Kuva mu buto bwabo, babigishije guhanuza no kwubaha abamuruta mu myaka kubera ari bo bitwa ko bafise ubwitonzi bwinshi kandi bazi gutandukanya icatsi n’ururo. Ariko kubera ubuzima babayemwo umwe wese afise uko yiyumvira.

Umunsi uri izina, Gahungu na Kana bari baronse amahera yo kunywa rimwe. Hari ku wa gatanu, bahejeje akazi baca bajana mu bunywero. Bugingo bariko barayaga baguma bumva umugwi w’abagabo uyogora gose wari wicaye hirya y’aho bari bicaye mu kibanza c’ibihangange, kuri comptoir. Bari abantu bakuze, babaruta, bashobora kuba bangana canke baruta abavyeyi babavyaye. Harimwo nka babiri imvi zari zimaze gukwira umutwe wose. Abo bagabo bayaga nk’abariko bayagira abari mu bunywero bose, ku buryo kwumva ivyo bariko baravuga bitari bigoye.

Muri ubwo bunywero, hakora umwigeme w’umuyabaga. Ba bagabo utanka, hambavu yo kurenza urwamo abantu, bariko bivugira ibintu bitagira umutwe n’amaguru. – Muca mubona namwe ivyo abagabo bahimvye urukanywa bavuga –. Bavuye muri vya biyago vyabo vyo mu kabare batangura guta ibanga bavugisha wa mwana adandaza. Icari gitangaje ni uko ata n’umwe yahanura abandi muri bo. Wamengo ni abana b’ibitazi.

Gahungu na Kana aho bari bumva vyose, inzigo irabarya, barazungagiza umutwe barahora – indero y’ikirundi – “None ko abo bagabo babarusha gukura, bakabarusha n’uburyo, nibo bafise ijambo ritavuguruzwa? Haba namba, naho baramutswa n’amaboko abiri , na kumwe ntibagukwiye”, nivyo Gahungu yariko yibwira muri we. Vyakabaye kera, Gahungu aranashaka guhaguruka ngo ababwire ko bariko bavuga ibitaroranye ariko Kana aramubuza. – indero y’ikirundi kandi

Nayo uwo mwigeme yariko aradanza ntaco yashobora kuvuga. Ubwa mbere mu ndero yahawe iwabo, bamwigishije kutishura abamuruta. Ubwa kabiri, kwiyama abo bagabo yiyumvira ko yari kuba ariko ahombesha Nyen’ubunywero. Vyari binabujijwe. Ubwa nyuma yatinya ko boca bamwirukana.

Uwo munsi yaciye Kana aca yibutsa Gahungu bimwe yahora amubwira: havuga amahera. Abo bagabo bivugira ivyo bashaka kubera umufuko wabo. Ijambo rifise uwufise uburyo, naho arikoresha nabi, agifise uburyo nta wumuvuguruza. Na canecane iyo ubwo buryo aribwo bubeshejeho bamwe, nyene bwo ivyo avuze bose baramwemerera, kandi bakubahiriza n’ivyo avuze n’iyo atari vyo. Ngo uwufise uburyo ntiyihenda mw’ijambo.

Kuva ico gihe Gahungu yaciye agira amadidane. Mwomumenyera ijambo, n’ubwitonzi bifise abafise imyaka myinshi n’uburyo bwinshi? Kubabwira ico yiyumvira nta n’ico vyari bimaze. Umunsi umwe yishuranye n’umugabo angana Se, yariko yivugira ibisunitswe n’impemu, ubwenge butabisuzumye neza. Nya mugabo aca aramutuka ngo ntagira indero, ngo ntiyubaha abamuruta. Abari ngaho barumigwa. Ngo uyo mugabo yari yarigeze guca mu mabanga akomeye mu ntwaro. Gahungu yari amweruriye mu kumubwira ko ariko avuga ibitaroranye. Gahungu aca aritwengera muri we, kubera uyo mugabo yari yibaza ngo nti nka kera agitwara, aho yatera inkuru bose bagaca batwenga,? – Umukuru ateye inkuru, bose baca batwenga naho biba bidatwengeje –

Gahungu na mugenzi we batashe bari mu vyiyumviro vyinshi. Gushika n’ubu baracarondera ba Nyen’ubwitonzi, bakwiye kandi babereye ijambo. Hari abo murabatorera?

Judicaël aba mu Bubiligi