Vyanditswe na Ihorimbere Judicaël

Ngo des seins qui valent le PIB du Burundi…. Ngo ngw’iki? Murantunga si je ndabivuze, murambarize urya musémiologue yabivuze (Un sémiologue est un  spécialiste de sémiologie, science étudiant les systèmes de signes) . Muri iyo minsi iheze hari umusémiologue yivugiye amajambo yigombeye ariko abwira umuntu bita Nabila. Uwutavyumvise ararondera muri Google “Nabila Burundi” canke afyonde hano ; ngira muca mutahura ivyo ndiko ndavuga. Ndibaza ntakekereza ko réaction mugize isa n’iy’abarundi bamwebamwe bagize ku ma réseaux sociaux na za Whatsapp bahejeje gusoma ivyo. Vyarantwengeje cane sinobabesha. Hari umuntu nkurikwirana ivyo akunda kwandika kuri blog yiwe yagize ico abivugako. Vyaraboneka vy’ukuri ko ivyo bintu vyamushavuje gose.

Iki gisomwa nacanditse ndiko ndazirikana ivyo gutera inkuru no gutwenza. Natanguye kucandika haraciye amezi atari make. Ico gihe hari rwa serera ruvuye ku gutera inkuru. Haheruka kuba incident ifatiye kuri sketch yakinywe ikerekanwa kuri télévision Canal+ ivuga itsembatsemba ryabaye mu gihugu kibanyi. Muri iyo minsi nyene  havugwa impari hagati y’umutezi w’inkuru Mbalambala anyinyurana n’abategetsi b’Ubufaransa.

 Ivyo vya Mbalambala narabiyaze n’abagenzi dukunda kuyaga utuntu n’utundi, biracika nka mini-débat. Bamwe bavuga ko ibintu vyose dushobora kubiterako inkuru no kubitwengako, abandi bati oya. Jewe nari muri abo bavuga bati oya. Abakunda kuncokoza ngo nkunda imanza hamwe no kuburana, uwo munsi akazi ko kuburana naragakoze. Jewe nibaza ko ata muntu ashobora gutwenga ibintu ivy’ari vyo vyose. Uworaba induru n’impari zikunda kuva ku majambo yavuzwe n’umuntu ashaka gutwenza ntiyoheza. Ni na zo nibangako ahanini kugira nshigikire y’uko ata muntu atwenga vyose canke ata bintu bitwenza bose bibaho.

Ndafise n’abandi bagenzi b’abazungu twahuriye i Bulaya dukunda kugira débats twibaza ko gutwenza bihuza isi yose ou non. Kuri bo ibitwenza ino bitegerezwa gutwenza aha. Nibaza ko atari vyo. N’ikimenyamenya, uwari kumbwira ko gutwenza bishobora gucika umwuga mu myaka iheze sinari kuvyemera. Nari kumubwira ko ariko antera inkuru. Nkiva i Burundi, nkashika iyo nari ndoye kwiga Kaminuza, ivyo gutahura ibitwenza iyo ndoye vyarangoye gato. Ubwa mbere aho twari tugitangura kaminuza, mu kunyuzurwa batubwira ngo tugire ibintu bitwenza. Nimwiyumvire: mumaze indwi zibiri muvuye aho muba, ntimwari bwaje mu yindi ntara canke mu kindi gihugu. Nta muntu muramenyana. Muri mwenyene. Ivyari gutwenza abo bantu utari uzi vyari ibiki, na rirya tutanasangiye n’imico? Inkuru za Inarunyonga na Samandari? Ng’ivyo ivyo biraheze, amezi si ngayo aragiye, banyereka sketch yitwa Jésus II le retour. Abo twari kumwe bose agatwengo kari kabishe. Ariko sinobabesha aho gutwenga nari choqué. Sinashobora gutahura ko bashobora kugira parodie ku Mukama, jewe nakuze nubaha kandi nsenga.

Ubu i Bujumbura, ibiteramo bita One man show bisa n’ibiriko biratera imbere gose iwacu. Mu gihugu hagati sinzi ko birashikayo. Ngira nko mu bisagara nka Gitega na Ngozi…  Ariko ivy’abatwenza iwacu si bishasha  biriho kuva kera. Ivya One man show du moins bishusha – ndabizi nkiri umwana muto ngenda kuraba ibiteramo bagatumako Michou gutera inkuru no kwigana abategetsi n’abamenyeshamakuru. Ndibuka ndiko numviriza ikiganiro Cukucuku kuri RPA ca Machoc adutera des blagues pour adultes akaca ashiramwo imiziki y’ama cymbales;  canke ndiko numviriza Osso kuri Bonesha ku wa gatanu mw’ijoro, yipfuriza abantu kuronka ibintu n’abantu abasezera ngo wawawaaaa. Abo bagabo ni aba mbere kabisa. Ubu vuba naho, hari abari muri new generation bagira One man shows zibera mu bibanza nka Vuvuzela,IFB, etc. Inkuru za ba Martial bariko baratwemeza, inkuru za Kigingi adusaba Kugira Effort yiwe hamwe n’iza Michaël hamwe na Comedy Knights… Ntibagiye Burundian Vines za Pacifique, Cyriaque na Jacques kuri YouTube na FacebookEn tout cas chapeau!

Mu gutera inkuru zitwenza abantu harakenewe  ingabirano kubera si bose bobishobora. Wanashaka inkuru imwe itewe n’abantu babiri ntigira uburyohe bungana. Iyo utazi gutera inkuru naho ibara riragwa. Abaje kuraba igiteramo baca bakuzomera nta gisivya. Ikindi naco erega abantu ntibatwenzwa na bimwe, nico gituma ata muntu atazopfa yateye inkuru ziryohera bose. Harakenewe une certaine contextualisation. Utegerezwa  kumenya abantu uzitera – public concerné. Ivyo navyo bivana n’ibintu vyinshi: imico y’abo uriko urabibwira, niveau ya éducation yabo, ururimi izo nkuru uziteramwo, imyaka ya public, …. N’ikimenyamenya muzorabe igiteramo ca Kigingi ku Mutanga Sud, aho hari hakoraniye urwaruka n’abakuze. Abakiri bato bose bariko baratwenga ariko abakuze bari bapfunze amasura, abandi na bo bifashe ku munwa.

Ku bashavuzwa n’inkuru zatewe nabo, imbere yo gushavura nimwiyumvire contextes zavugiwemwo. Imbere yo kuvyiyamiriza ngo ntibabubashe, ngo nta ndero canke urupfasoni nyene gutera inkuru afise…. muzobanze mutekane mwiyumvire neza ico bashatse kuvuga. Mwiyumviriye ivyo vyose mugasanga bidahoma, muzoheze mushikirize ivyiyumviro vyanyu.

Ngarutse kuri birya umusémiologue yavuze, nibaza ko tutorinda turanabirandirako kubera nta n’ico vyokwungura abarundi n’Uburundi. Tubihaye ikibanza kinini nyene kubivuga bimuha amasifa yashaka igihe yabivuga. Uwipfuza gutera inkuru ku gihugu cacu, azobanze ahishikire amenye abantu ingene babayeho, atahure ingene ubuzima bugenda, n’imico yacu ayimenye.

Nahora nkunda kwandika menshi ariko reka ngeze hano. Iyi ni nka défi ku batezi b’inkuru. Ku bakiri bato muri bo bagitangura gutera inkuru imbere y’abantu isinzi, nimwaba muvuka i Bujumbura muraduga gutera inkuru Ruguru. Nimwaba mufise imyaka iri hagati ya 20 na 30, muzogire ibiteramo mubigirira abakuze bari mu myaka nka 50-60-70… canke abana bato cane. Nimwasanga mutwenza bose, muzoba mukwiye agashimwe, kandi muzoba mufise iyo ngabirano yo gutera inkuru pe.

Mu kurangiza, gushika ubu ivy’abatezi b’inkuru b’abarundi bakina jewe birantwenza. Ngiri ni kubera ndi mu runganwe. Ndabifuriza gutera imbere kandi n’umwuga wabo utere imbere. Roranirwe mwese.

(Isanamu ya iwacu-burundi.org)

Judicaël aba mu Bubiligi

 Murashobora gukwirikira This Burundian Life kuri Twitter na Facebook