Vyanditswe na Ihorimbere Judicaël

Icandiko ca Karl-Chris R Nsabiyumva, The status divide, casohotse ku ndwi  iheze, canyibukije ibintu vyinshi. Iyi nkuru nayanditse ndiko ndazirikana kuri kirya gisomwa.

Haraciye igihe, mu mwaka wa 2007, nariko ntegura ikibazo ca Leta kimpa uruhusha rwo kwinjira muri Kaminuza. Ico ni kimwe bita Examen d’État, ariyo Exetat. Nta bushobozi ntakoresheje kugira ndakimenye, kuko cari ikibazo gihambaye kuri zina munyeshure. Umunyeshure avuye kw’ishure kwigishwa n’abarimu, yaca agenda gutegurira hamwe épreuves-type n’abandi bigana kw’ishure rimwe. Yaheza ivyo akaja kwigira hamwe n’abo babana muri karitiye. Mu nyuma akagenda gusubiramwo wenyene ivyo yize. Jewe niko nabikoze. Ngira n’ubu nibaza ko abanyeshure batari bake ariko babigenza.

Kw’ishure nigako, kenshi na kenshi baronka amanota meza mu bibazo vya Leta: Test national yo mu mwaka w’icumi hamwe na Exetat. Sinzokwibagira ingene dutonze idarapo, bama bariko baradusubiriramwo ko abo mu mwaka w’icumi n’abakoze Exetat mu myaka iheze bakoze neza; babaye mu mashure cumi ya mbere mu Burundi bwose… Iyo baramutse basubiye inyuma naho bakaduhimiriza kurushirizaho ingoga kugira twisubize umutamana. Abanyeshure twaca tugira ubwoba bufatanye n’ishaka bikadutuma turonka inguvu zo kwiga gose ngo tube aba mbere mu gihugu.

Muri ico gihe nategura ico kibazo, hariho umugenzi twagitegurira hamwe. Ntitwiga kw’ishure rimwe kandi ntitwiga n’ibisata bimwe. Ariko ntivyatubuza  gufashanya no gusiguriranirana na canecane ko twaba turiko dukora épreuves-type. Vyongeye, twarayaga ibitari bike vy’ubuzima.

Haciye igihe twigira hamwe, umunsi uri izina arinamura ancira umugani ati: “Umwana w’inkende apfa yurira igiti”. Akiwuncira sinatahura ico yariko aravuga. Ca ndamusiguza. Nawe ati: “Ntubona ga muhu, naho turiko turigira hamwe umwana wa Nyarucari aguma ari Nyarucari…”. Ca ndamubaza ico ashaka kumbwira kubera naheruka turiko dukora imyimenyerezo y’ibiharuro. Nawe ati: “Jewe niga kugira ndabe ko noronka amanota yo kuja muri Kaminuza y’Uburundi, ariko abana nka ba mwebwe nta n’ivyo mukeneye kubera muzoja kwiga muri Kaminuza zigenga canke mujabuke kubera abavyeyi banyu …”. Ivyo biti hwe, nca ndahora ntaco nasubizayo, dukomeza kwiga.

Haciye iminsi duhejeje gukora Exetat ariko amanota atarasohoka, hagera gutora ico twipfuza kwiga muri Kaminuza. Ba banyeshure bose twahora twigana, ng’abo turagiye kw’ishure gutora ico tuziga muri Kaminuza. Twategerezwa kwuzuza impapuro dushiramwo ibisata bitatu twipfuza kwigamwo. Batubwira ngo bafatira ku manota twaronse, bagaca baguha kimwe muri ivyo bitatu watoye. Waronse amanota menshi baguha ivyo watoye ubwa mbere. Hambavu y’uko benshi twashaka kwiga médecine, administration et gestion, droit canke économie, abanyeshure batora ibijanye n’ibisata bize, ico bamye bipfuza kuva mu buto bwabo canke ico abavyeyi babipfuriza – Ku bantu mutaramenya ko abavyeyi kenshi bashaka kurangura ico batashitseko babicishe mu bana babo mubimenyereho.

Ndibuka abanyeshure bamwe bariko barongorerana ngo: “Mbega urya we ariko yuzuza iki muri bino bipapuro kandi buca agenda kwiga aha n’aha? Umuvyeyi wiwe ko tuzi yifashe ntazomurihira ishure muri Kaminuza yigenga canke amujabukane? Ntiyoreka kutwifatira”  – Mugume mwibuka wa mugani w’umwana w’inkende.

None koko, umwana w’inkende apfa yurira igiti?

Iyo umuntu amaze gucika Umuntu, abana biwe aca abashira mu mashure amwamwe. Ndibuka umwe muri bavyara banje, agitangura amashure yisumbuye, ahejeje umwaka wa gatandatu w’amashure matomato, afise nk’imyaka idashika kuri 12, yabwiye abavyeyi biwe bariko bamusabira ishure ahantu hamwe ngo: “Erega Papa na mama, kuri rirya shure udafise Prado canke utari umukuru, umwana wawe nta shure aharonka!” Eee mama ngo ukuri kuva mu kanwa k’abana !

Reka tuve mw’ishure tuje mu vyerekeye ubuzi. Hano nshimikira ku buzi buhabwa abaciye mw’ishure, bafise impapuro z’umutsindo. Rimwerimwe, abavyeyi ni bo bacira inzira abana babo. Kandi si i Burundi gusa n’ahandi ni uko bimeze. Ufatiye ku kugene igihugu n’abanyagihugu bagiye baratera imbere, nta muntu yohakana ko uko imyaka igenda ari uko haboneka abantu benshi bagiye mw’ishure. Igitigiri c’abantu bari bafise impapuro z’umutsindo mu mwaka wa 1960, ntikingana n’ic’abazifise ubu canke bari bazifise mu mwaka 2000. Bisigura ko nko mu buzi busaba kuba waraciye mw’ishure, abantu bakwiye kuba bafise ububasha bungana bwo kuronka akazi, iyo bafise impapuro z’umutsindo. Ubwo bubasha babuhabwa ubwa mbere n’impapuro z’umutsindo baronse kubera bakwirikiranye amashure, bakayamenya.

Ni uko bimeze none canke umwana w’inkende apfa yurira igiti?

Mu bantu baciye mw’ishure, benshi bafashwa n’imimenyano y’ababakurira. Umuntu arangirwa akazi n’abantu bazinanyeHanyuma n’ubwo ari ukuri kutaryoshe kuvuga, umwana w’inkende nawe agapfa yurira igiti. Iyo atari umuvyeyi w’umuntu amuhaye akazi, agahabwa n’incuti ziwe, abagenzi b’abavyeyi canke b’incuti ziwe, abo basangiye ubwoko, intara, umugambwe, ibara ry’urukoba,… Kw’isi yose ni uko bimeze ahatari hake: bavyita pistonner quelqu’un. Nta n’ukwezi guheze mperuka kuvyibonera aho mba imbona-nkubone . Mu yandi majambo umuntu munaka, umwana wo kwa naka ahabwa akazi na naka kubera naka ari umugenzi canke incuti ya naka, ava aha n’aha, ari umubanyi wa naka, afise ivyiyumviro vya politike nk’ivya naka …– ntimugire ngo ni umucanganyo – Ntabwo ndi uwa mbere avyanditseko hari n’abandi bavyanditseko.

Iyo umuntu amaze kugendera hirya no hino asanga ari ibintu biri kw’isi yose kandi no mu bantu bose. Kirya gihe umugenzi wanje yancira uwo mugani w’umwana w’inkende, nari nkiri muto sinari bwabone  ingene bimeze. Ariko na we yaranduta imyaka itari mike, yari amaze kubona vyinshi.

Ndibaza… None mu gihe abantu bataronka amashure kubera atari abana bo kwa naka, mu gihe baheza amashure bagaca bicara mu bushomeri kubera batari abagenzi ba naka canke abana bo kwa naka, mu gihe bagiye kwivuza kwa muganga batavurwa kare ariko naka agahita yinjira, birirwa batonze umurongo iminsi n’iyindi igahera kugira baronke umuti w’inyishu zabo, ariko naka agakora ku rutsinga vyose bigaca bidadanuka … Mu buzima bwabo boreka kwiyumvira gute ko umwana w’inkende apfa yurira igiti?

Ikintu yamara abantu twibagira ni uko ibintu bitari bikwiye kumera nka kera. Erega ubu si hamwe umuvyeyi yaba ari umurimyi, umworozi, umuvumbi, … yaca akuraga umwuga wiwe. Ubu mu gutanga akazi umuntu gufatira ku bumenyi bw’umuntu. Ariko mu gihe bitanguye kujamwo ivy’ubucuti canke ka nkunzi, n’uwurondera akazi aradebukirwa ntabe anagishaka kugerageza kukarondera.

Ikindi naco ni uko umuntu ataracika Umuntu, aca mu bintu vyinshi kugira yishikane ng’aho. Mugabo amaze kuba Umuntu, nk’iyo hageze ivyo gutanga akazi, bikamugora gufata abantu bose ku rugero rumwe, akabirengako agakoresha ka nkunzi canke ubucuti. Yaribagiye aho yaciye n’ivyo yaciyemwo vyose?

Hari n’ikindi igihe usanga umuntu atareka abana biwe gufata intumbero y’ubuzima bwabo ngo babone ko batakiri nk’utwana tw’inyoni nyina igaburira. Aho kubareka ngo bironderere ubuzi, umuvyeyi akaba ari we avyirukamwo kugira baronke ivyo bipfuza. Erega abana baramera amababa n’amubi bagashobora kuguruka bonyene!

Iyo uravye ibiba mu buzima usanga ari co kimwe kiretse ko naka atari wa muvyeyi gusa. Naka ni uwo wese azoha privilège umwe akayima uwundi kubera atamwiyumvisemwo, aha akazi umuntu kubera bafise ibindi bintu bahurirako canke basangiye, azokwima akazi uwundi kubera badasangiye ivyiyumviro bimwebimwe,…

Batwigisha gufasha no gufashanya n’abacu? Egome ariko gushika he? Abacu ni ba nde? Uwutagira abiwe nawe bizogenda gute? Eka da, umwana w’inkende ntakwiye gupfa yurira igiti!

Aho navugiye, nibagiye ko ata muntu yoyamara, reka ndangize. Nibaza ko ninasubira guhura n’urya mugenzi wanje, nzomubwira ko natahuye ico yashaka kuvuga. Ariko nzokwongerako ndamubwire ko yohumura, umutima ugasubira mu nda. Hari igihe umuntu ariko ariyumvira asanga yohava yemeranya uyu mugani w’umwana w’inkende. Ariko reka dufate umwanya, twicare twihweze. Turabe abantu bateye imbere iyo bavuye. Tubegere tubabaze ivyo baciyemwo vyose muri kahise gushika aho bigejeje ubu. Turashobora gusanga kuri benshi ibintu bitamye bitonze nk’uko tuvyibaza. Kugira aho wishikanye ni inzira ndende kandi igoye. Mu buzima, nta kintu coroshe ariko akagumye bagumako kandi bukebuke bukomeza igihonyi.

(Isanamu ya Igor Rugwiza)

Judicaël aba mu Bubiligi

 Murashobora gukwirikira This Burundian Life kuri Twitter na Facebook