Riraremereye
Turajisha ingata
Turibangire.
Ntitukarimene!

Hari iryo kubaka
Atari ryo ryo gukundana.
Uzorisangira n’umukunzi
Ariko ntuze umukundire akarimi
Kuko ngo “akarimi kakuresha siko kakurongora”.
Sinkabihebuze
Ariko sinogenda ntakebuye
Kuko narakebuwe.

Riraremereye
Ariko urigumije riragutetura.
Riravuna
Ariko urizigamye riragutonesha.

Ba sesa nkuyoze ntibabuze,
Uwutema urwiwe bamutiza umuhoro .
Urahanuza abakunzi
Atabo ufise, uraMuhanuza
Urahanuza abarizigamye
Urisabira ubushobozi bwo kurigumya.

Hari iryo kwiga
Hari iryo gukora
Hari iryo gukura
Hari iry’ubuvyeyi
Hari iryo kubaha abavyeyi
Hari iryo gusaza
Hari iryo kudasiga isi nk’uko twayisanze
Hakaba iryo kubaho.

Riraremereye
Ariko urigumije riragutetura.
Riravuna
Ariko urizigamye riragutonesha.
Uko rikomera
Niko rikomeza
Uko rigora
Niko risanura umutima
Aho rigeza mu kuvuna
Niho rigeza mu kugurura umuryango w umunezero.

Hari iryo kugwara
Hari iryo gukena
Hari iryo gutunga
Hari iryo kunezerwa
Hari iryo kubabara
Hari iryo kwubaha

Hakaba n’iryo kwemera
Ryoryo ngo ni agatangaza!

Riraremereye
Ariko urigumije riragutetura.
Riravuna
Ariko urizigamye riragutonesha.

RM

(Isanamu ya Rosalie Colfs)

RM aba akongera agakora ibujumbura. Murashobora kumukurikira ku rubuga rwiwe: somandika.canalblog.com

 Murashobora gukurikira This Burundian Life kuri Twitter na Facebook