Vyanditswe na Eloge Nishimikijimana

Kubera iki abarundi babishoboye badakoresha Twitter kenshi, hum?

Kubera batayikunda? Kubera ata gishasha ibungura? Kubera ata …?

Hinge gato, twumvikane: umuntu aha yakuyemwo ivyo kuvuga ngo ntibayizi, ntibagira “compte”, ntibazi kuyikoresha, canke ibindi bibazo vy’ubuhinga buhanitse (internet, connexion, smartphone, n’ibindi). Nico gituma jewe mvuga gusa Abarundi “babishoboye”— iyi niyo “domaine de définition” yacu 🙂

Rero, iyo ikintu “ugishoboye” ariko ntugikore, imvo isanzwe ni uko uba utagishaka… tout simplement! (umugani wa wawundi).

Kuri ico kibazo, inyishu ngufi ni: kudakoresha Twitter bihagaze canecane kuri kamere kacu k’Abarundi. Muti gute ? Iyi niyo nyishu ndende…

Umuntu afatiye kuri Facebook ariyo benshi (cane) bakoresha, itandukaniro rinini riri hagati ya Twitter na Facebook—uko nibaza—ni uko Facebook mu vy’ukuri ntigusaba gushira ahabona ivyo wibaza canke uko wiyumva. Urashobora kwimarira umunsi wose wirabira udufoto tw’abo uzi—canecane n’abo utazi— ukazogira za “J’aime”  na za “Commentaires”, bugaca bukira, uwundi munsi ugatangura. Ni nko kwirabira udusanamu kuri TV

Twitter nayo nyene umuntu arashobora kubigerageza, ariko ntibangutse nka Facebook.

Ingorane nkuru ya Twitter n’uko utanguye kuyikoresha, usanga wahavuye uja “mukiyago”, aho uvuga ico wibaza, ico ukunda, ivyo urimwo, ivyo wifuza… Muyandi majambo ushira ahabona uwo uri.

Ku Murundi—simvuga harya ku kuguru—twarezwe canecane nk’abantu b’urupfasoni, abantu badapfa kuvuga ico bibaza, canecane uko biyumva. Umuntu w’imvuzi ntabonwa neza, ntagaciro tumuha. Ikibisongera rero nuko duca twibera naba “ntirumveko”. Vyose bigaherera mukwiyorobeka.

Kubijanye na kamere kacu, Facebook rero iradufasha. Twitter nayo iratugora, kuko idusunikira aho tutamenyereye.

Mugabo rero tubisubiyemwo, ni benewacu bangahe bashobora kuja kuri Internet? Ni bangahe bashobora kuja kuri Facebook, tutavuze rero abiyumvira kuja kuri Twitter?

Gusa, ubwo “bucuti” bwacu na Twitter burafise ico bwotwigisha: kubw’uko kwihorera, kwiyorobeka, kutavuga ico umuntu yibaza, yipfuza, kutivuga we ubwiwe, ibintu turashobora kubireka bikayangara. Tukibuka kubogora twasheshe.

Igihugu cacu aho kigeze ubu, dushobora guta umwikomo ku bantu dushaka bose—ngira abatworohera ni Ababiligi n’Abadagi. Ariko ntidushobora kuguma turi cwe. Ibintu vyabaye muri kahise kacu birababaje bikwiye kugira tubisubiremwo. Kubw’ivyo, dukeneye kuba abantu bavuga ico bibaza, ico bipfuza.

Vy’ukuri, benshi turi kuri Facebook na Twitter, turi mu runganwe rushasha. Isinzi ryacu ntitwamenye ivyabaye muri 1972, 1988; benshi bobo ivyo muri 1993 ntiwobabaza. Ariko, uwo yavutse muri muri 1993, uno munsi afise imyaka… 21. Ashobora kwubaka urwiwe!

Mwumva twobandanya tubaho, twiyumvira, twigenza nk’uko abavyeyi bacu babayeho?

(Isanamu yavuye kuri stuffpoint.com)

Eloge aba akongera agakora Lagos, Muri Nijeriya. Murashobora kumukurikira kuri twitter: @nishelo

Murashobora gukurikira This Burundian Life kuri Twitter na Facebook