Vyanditswe na Ihorimbere Judicaël

Hari ikintu maze iminsi mbona ku buhinga ngurukanabumenyi: Abarundi turijukiye kwandika no kuvuga ico twiyumvira. Ibintu twandika biratandukanye gose; kenshi na kenshi twandika ku bintu vyo mu buzima bwa minsi yose. Nako, umuntu ararekuriwe kwandika ku bintu yipfuza, biri no mu mateka ya zina muntu. Muca mwumva ko mu gihe ibintu twandika vyubaha agateka k’abandi urwo ruhusha ari ntabanduka. Ariko rero, kurya mu kirundi bavuga ko umuntu ategerezwa kwiyumvira neza ivyo avuga, no mu kwandika kuri website,blog, social media niko bigenda. Ubwo buryo bwo kwandika bwarakwiragiye kw’isi yose, n’i Burundi ntitwatanzwe.

Social media na forum vyaratumye abantu baronka ubundi buryo bwo gushikiriza ico biyumvira kuri bino canke biriya. Hari ibintu bimwebimwe vyama vyashitse ariko. Nko kuri forums, hari igihe twandika ivyo tutiyumviriye neza, ivyo twiyumviriye navyo tukavyandika dusa nk’abashavuye bikatugora kuvyemanga. Hari igihe forum y’ivyiyumviro icika forum y’abaterana imiragwe. Kuri Social media naho hari twinshi tuhabera – twiza na tubi – sinotudondagura ngo ndaduheze.

Kino candiko mushobora kugifata nka user guide yo gukoresha forums, na social media. Kirimwo ubwa mbere ubutumwa bugana abahora bagira ico bashikirije kuri forums. Ubwa kabiri harimwo ubutumwa kuri ba nyene forums. Ubwa nyuma harimwo ubutumwa ku bantu bakoresha social media. Hariho vyinshi vyo kuvuga ariko.

Ku bakora comments,

  • Amakuru yanditswe kuri websites zacu ntashobora kuturyohera twese. Umwe wese aba afise ico ayiyumvirako. Ku binyamakuru kenshi haba hariho like na dislike buttons. Ukunze ivyanditse urashobora gufyonda kuri like, utabikunze naho ugafyonda kuri dislike.
  • Iyo wipfuza gutererera iciyumviro urashobora kwandika comment. Iyo nayo ni ukuyiyumvira neza ukahandika opinion wiyumviriye neza. Uterereye opinion yubaka, twebwe abasomyi iratwubaka vy’ukuri. Jewe ahanje ndazi ko ndahigira vyinshi.
  • Kwinyegeza inyuma ya pseudonym nibaza ko bifise imvo nyinshi. Umwe wese arafise rwiwe. Ingorane ihari iyo ukoresheje alias kugira utukane canke utange iciyumviro kitubaka. Sinzi ko hari satisfaction umuntu ahakura. Noneho, jewe amatwi ansumira, ngo nta kintu na kimwe kiri anonymous mu buhinga bwa internet. Hari uburyo bwinshi bwo kumenya umuntu yanditse anonymous comment. Ni nka kurya bahora bamenya umuntu yagize anonymous call muri Onatel, Leo, Smart… no ku buhinga bwa internet birashoboka. Ntihagire uwibaza ngo pseudonym imukingira vyose.
  • Amakuru yose yanditswe ntategerezwa gucika umwanya wo guterana amajambo no kwagirizanya ibi canke biriya. Kandi guterana amajambo n’abantu kuri forum ubahora ubwoko bwabo, intara bavamwo, hamwe n’ivyiyumviro vya politike utanabazi sinzi inyungu aho ziri. Hari izindi comments zishobora kwandikwa kandi zubaka kurusha.

Kuri ba nyene forums,

  • Nta kamaro ko kureka abatukana ngo bateranire amajambo kuri forums zanyu. Comments zitubaka nizo zituma abasomyi benshi tudasubira gushaka gusoma ibinyamakuru vyanyu. Ibitutsi biratesha credibility ibinyamakuru vyanyu.
  • Kugira policy ijanye na comments no kuyishira ahabona birafasha gose. Iyo policy itegerezwa guhura na laws zi’igihugu mukoreramwo. Nimwaba muyifise kuyishira ahabona, ni vyiza.
  • Nimwe mufise ijambo rya nyuma ryo gushira ahabona or not ivyanditse. Muvyemeye vyose ata censure ni ukubigira muzi risks birimwo.

Ku bakoresha social media,

  • Kugira abagenzi benshi kuri Facebook, kugira aba followers benshi kuri Twitter na Instagram ntibisigura ko barya bose barimwo ari abagenzi bawe canke ari abagukunda. Muri barya bagenzi n’abafollowers bawe, abaryoherwa n’ivyo babona ushirako bangana n’abo bitaryohera.
  • Urashobora guparametra ababona kandi bagira interaction nawe kuri any picture, post, status, tweet… ushize kuri Facebook, Twitter, Instagram (public, only you, friends, specific friends….).
  • Niwaronka like canke sharings nyinshi ntiwibaze ngo bisigura ko uri famous. Kuri facebook,Like button nta wukimenya neza ico isigura. N’uwanditse inkuru mbi nko kubika uwitavye umuremyi, hari abantu bagira Like.
  • Friend requests z’abantu tutazi ntidutegerezwa kuzemera. Erega social media si dating site.
  • Gutangura group na page kuri Facebook ni vyiza gose. Group canke page iba ifise intumbero. Hari izikoreshwa mu gukora akazi, ivyigwa, kudandaza, kumenyekanisha ibintu… Mbe hari uwomenyera business iri mu gutanguza groups zo gushirako amasanamu batwaye abantu batabasavye uburenganzira? Mu bihugu bimwebimwe gukoresha isanamu y’uwundi utamusavye ni icaha gihanwa n’amategeko.
  • Gushira comment kw’isanamu, status canke tweet ducafuza abantu kandi tutari mu kuri ntaco bitwungura. Gucafuza umuntu kubera isanamu atari na we yishiriyeko yashizweko n’umuntu ata burenganzira abifitiye, tukiyandikira ivyo dushaka turiko ducira urwa Pilato umuntu, nta cubahiro biduha. Kenshi uwo muntu bacira urubanza ntaba anazi ko bariko baramuvuga nabi.
  • Ikintu cose duhaye social media tuba tugihaye abantu bose bitwa ko bari muri network yacu. Arya masanamu, status,tweets… abantu batwara bagize sharing,retweet canke bakayadutwara batayasavye ni twebwe tuba twayashizeko. Turafise ububasha bwo gushirako pictures twifuza zose. Ntibizobatangaze gose bayivye. Umuntu n’amaphotos ya kera yibwa, ayari online yoreka kwibwa gute? Remember the old photo albums za famille ingene wasanga amaphotos bayivye…
  • Bavyeyi, imbere yo kwidogera social media na Internet ko bititura imico n’indero, mumenye ko mudashaje ku buryo vyobananira kwiga gukoresha social media, mugire effort! Nimusabe abana banyu babigishe ingene bikora. Namwe mukiri bato nimwereke abakuze ingene technology yateye imbere. Ariko ntibagiye kino: bavyeyi, abana banyu nibaba badashikana imyaka cumi n’itatu mu bisanzwe nta burenganzira bwo kuja kuri Facebook na Instagram bafise. Kuri Twitter iyo myaka ni ngombwa nayo nyene n’ubwo batayisaba uriko uriyandikisha.

Reka ndangize. Kino candiko kibashikire neza! Sindi an expert wa ethics, umweranda, umuvugabutumwa,… Ndi juste umuntu asanzwe ari interested na ICT hamwe na changement izanwa nazo. Vyinshi nabivuze kubera nabiciyemwo personnally. Ibindi navyo ndabikura mu bumenyi nagiye ndungura hirya no hino.Uwufise iciyumviro arashobora kugiterera hano munsi, kuri forum, cubaka kizoja online. Kitubaka naho, ntikizoja online kubera This Burundian Life irafise a clear policy. Ni naco nayikundiye.

Ndashimira abakosoye kino gisomwa. Baramfashije kumenya ko imbere ya vyose ntokwibagira ko burya ijambo ridukunze rituguma mu nda.

Tugire amahoro!

Kurikira This Burundian Life kuri twitter na Facebook

(Isanamu yavuye kuri imaginethatcreative.net)

Judicaël aba mu Bubiligi