Vyanditswe na Ihorimbere Judicaël

Umunsi umwe narafashe urugendo. Ikibanza co kwicaramwo nari naronse nasanze mpagatiwe n’umutama hamwe n’umutambukanyi wiwe. Nkishika kuri ico kibanza nca ndabaramutsa. Baranyishura bati bwakeye. Tumaze igihe dufashe urugendo, ca niyumvira nti reka mbe ndakoma ishwashwa uwo mutamakazi kuko yari yandamukije akeye – ndakunda kuyaga n’abantu bari mu za bukuru, eka abankurira bose, kuko nama ndahakurira ivyigwa bitari bike – . Ndamubaza ko boba baba iyo tugana. Ati eka, ariko ngo arambwira ko bahafise inzu, n’umuryango. Aho rero twari dusigaje nk’isaha n’igice ngo dushike iyo turoye. Aho nari ndonse uburyo bwo gutangura ikiyago. Sinari nzi ko nza kugira urugendo ruryoshe kubera uwo muntu. Twarinze dushika tukivuga. Rwari urugendo ruhimbaye.

Sinorinda ndadondagura ivyo twayaze vyose, reka nce ku mayange. Ibintu twayaze vyarampaye inyigisho. Nahakuye icigwa kijanye no gutembera en général hamwe na tourisme en particulier.

Sinzi ukuntu namubwiye ko mva i Burundi. Nawe aca anyishura ko amaze kubwumva ariko atarajayo. We yava mu Bufaransa, ariko be n’umugabo wiwe bakaba mu Bubiligi. Yumvise ko mva muri Afrika, niho yaca agirako ambwira ko amaze kuhatembera – Umwirabure wese ntava muri Afrika 😉 – Yari amaze kuja mu bihugu bitatu: Cameroun, Sénégal na Afrika y’epfo.

Muri Cameroun ngo haramuryoheye pe ! Muri ivyo bihugu bitatu niho hamushitse ku nyota kurusha. Abanyagihugu baho bamuhamagara “Mama”, bikamuhimbara. Naciye ndamubwira ko mu bihugu vyinshi vyo muri Afrika ariko bahamagara abapfasoni bubashe. Kugira ndamwereke ko hariho ubudasa muri Afrika, nca ndamubwira ariko ko mu bihugu vyo mu Buraruko bwa Afrika bahamagarana ngo frère, soeur… Tutibagiye ka cousin 😀 . Ivyo vya Mama n’iwacu i Burundi niko bimeze mu bice bimwebimwe. Muri Cameroun rero ngo yarahakunze kuko yari ahantu mu gihugu hagati, abonana n’abanyagihugu benshi, akabona ingene babayeho, akabona na paysages nyinshi: amashamba, inzuzi,…

Muri Afrika y’epfo naho ngo we n’umugabo wiwe bahatembereyeyo Apartheid igisenyurwa. Yaciye yibuka Nyakwigendera Mandela. Yari impressionée n’ukuntu yapfunzwe imyaka n’iyindi itagira uko ingana ariko akava mw’ibohero ata mutima wo kwihora afise. Yongeyeko ko uwo mutima watumye ico gihugu kiguma mu mahoro ntikije mu mishamirano comme les guerres civiles z’urutavanako. Aca ambwira abantu yabonyeyo, ingene bavuga indimi nyinshi:afrikans, english n’ikizoulou. Vyaramuryoheye kubona abazoulous, n’ingene bambara. Yaratembereye henshi mu gihugu hagati, aragenda dans des réserves naturelles, arabona ibikoko vyinshi nk’intare, inzovu,…

Muri Sénégal ariko ngo ntihamuryoheye cane kubera hari urwamo rwinshi. Urugendo rwiwe yarugiriye i Dakar. Naciye ntahura. Nca ndamwishura nti ibisagara binini ni uko. Nawe ati ime. Gukora urugendo rwiwe mu gisagara kinini nivyo vyatumye atahakunda gose. Kandi nta bintu vyinshi bishasha yahabonye. Ibisagara binini vyinshi birasa.

Muti none aho nakavugiye, uru rugendo rwanyigishije iki?

Ica mbere, vyatumye niyumvira abantu bafise imigambi yo kwiteza imbere mu vyerekeye ingenzi. Nca nibuka ko maze iminsi mbona ku buhinga ngurukanabumenyi, bijanye na excursions mu gihugu hagati i Burundi. Ndabona ko hariho abantu bariko baravyijukiye. Bantu, nimwaba muriko murasoma ibi, mufise imigambi nk’iyo ijanye n’ivy’ingenzi, mumenye ko mutazeretse ivyiza biri mu gihugu hagati zitazoryoherwa nk’uko bikwiye. Kubereka igisagara ca Bujumbura ntivyikwiye vyonyene. Nimubajane nyabuna kuraba chutes de Karera na failles de Nyakazu mu Rutana, mubereke imisozi ya Heha, Teza, Twinyoni, mubereke musées z’i Gitega, amashuha ari hafi y’i Buta no mu Cibitoke, Ubwari mu Rumonge(Congo), ingoro z’abami , aho abami baruhukiye, mubereke agasumo ka Mwaro, amashamba acimeza yo mu Rukoko, ikibira, source du Nil, ibiyaga Dogodogo, Rwihinda(lac aux oiseaux) Kanzigiri na Tanganyika aho igisesutse (kure y’igisagara) , mubereke intambo z’iwacu ziranga intara imwe yose, mubereke inzuzi Ruvubu, Rusizi Ruvyironza, Malagarazi, n’izindi ntonto… Sinodondagura ivyo kuraba bihari vyose.

Ndiko ndandika kino gisomwa naciye nibuka iki candiko nibaza ko kirimwo impanuro nyinshi ku bijanye n’ivy’ingenzi. Sinorinda ndasubiramwo ibirimwo vyose, kubera ni vyinshi. Gifise abo kigenewe kandi nizeye ko cabashikiriye. Bimwe muri ico gisomwa bihura nivyo mpora niyumvira.  Ibintu dushobora gukorera iwacu ni vyinshi. Uwushaka gukora mu vyerekeye ingenzi vyo, ivyo gukorera i Bujumbura gusa yoshaka akavyibagira, akagura imbibe z’aho akorera, agashika mu gihugu hagati, bimukundiye agashika no mu bindi bihugu.

Ica kabiri nahigiye naco ni uko gutembera vyigisha vyinshi. Mu migambi nihaye harimwo uwo gutembera mu gihugu cose c’Uburundi eka no kw’isi yose ninabironkera ububasha. Kuko harya hantu hose nadondaguye henshi ndahazi mu bitabo, canke nkahumva bahavuga, sindahabona. Ariko ndazi ko ninahabona nzohigira vyinshi. Mu buzima, tuguma twiga vyinshi aho tuja hose. Abantu bose duhura baduha inyigisho d’une manière ou d’une autre. Ubuzima ni apprentissage perpétuel. Gutembera vyigisha vyinshi. Uwo muvyeyi twayaze, aho yatembereye yahakuye vyinshi, kandi hose aribuka vyiza na bibi yabonye, ivyamuryoheye, ivyamubihiye, imigenzo y’aho hantu hose…

Ku rwaruka n’abakuze, ico nobipfuriza ni uko mwokwiga gutembera mu gihugu cose i Burundi nimwaba mubishoboye. Muraja ahantu henshi gose mushoboye gushika. Iwacu gutembera mu ntumbero ya tourisme ntibiri muri kamere kacu. Dushira imbere nyabuna gutembererera abagenzi n’incuti. Navyo ni vyiza. Ariko hako umuntu ahereza uburyo bwiwe bwose mu vyerekeye imibano gusa, akwiye gushira mu migambi yiwe iyo gutembera hirya no hino. Akarorero: harura uburyo dukoresha mu gusocialisa mu mabari… Uwubishoboye aratembera aho ashikana hose kuko azohabona kandi ahigire vyinshi. Azohacira ubwenge butari buke. Na kare barayamaze ngo akanyoni katagurutse katamenya iyo bweze.

Voilà, ni akagaruka 🙂

(Agasanamu ka Arnaud Gwaga Mugisha)

Judicaël aba mu Bubiligi