Vyanditswe na Ihorimbere Judicaël

Isanamu ya Rosalie Colfs

Mbega imvura izogwa ikwiye muri uyu mwaka? Dutangure gutera ubu canke turindire turabe ko hari iyindi mvura izogwa ejo? Mbega ntihageze ko tuja kurima mu mwonga, ko twimbura ibiharage, ko dufurira ibihaya?… Ivyo ni bimwe mu bibazo umurimyi Bukuru yibaza.
Bukuru yavutse mu mwaka wa 1968. Umutambukanyi wiwe Nahimana, yavutse mu mwaka wa 1976. Haciye imyaka cumi n’itatu bubatse. Bamaze kwibaruka ibibondo bitanu: Diomedi, Yuvinali, Porosperi, Spesioza na Karara. Nahimana aribungenze arindiriye ikibondo kigira gatandatu.

Bukuru aba mw’itongo rya Se, hamwe na Benewabo. Se na Nyina bageze mu za bukuru nta kintu kinini bacishoboza, bafashwa n’abana babo. Bukuru na Benewabo babeshejweho no kurima itongo ry’abavyeyi babo kugira bagaburire abana babo. Barafise inka zitatu n’intungwa bikorako kugira baronke amase.

Mu mutwenzi, Nahimana azinduka akora isuku. Urugo rutegerezwa kuba rukubuye neza isaha zibiri zo mu gatondo. Aho rero umucance wiwe bazindukira rimwe, akugurura imyugariro hanyuma akaraba ko inka n’intungwa zabo zaraye neza. Nahimana yaratomboye afise umugabo w’umutima. Ababanyi n’abagenzi biwe bama bariko baridoga ko abagabo babo ataco babafasha i muhira. Bukuru nawe ntahengeshanya gufasha umukenyezi wiwe kuko na burya bafise abana batanu ntiyomureka wenyene ngo akore vyose atamufasha. Ku ruhande rwiwe abagabo bamwebamwe baramutwenga ngo aganzwa n’umugore kuko amufasha ariko bo ntibafashe abo bubakanye.

Abana nabo babiri ba mbere baramaze gutangura ishure. Nabo nyene abavyeyi barabavyura mu gatondo kare imbere yo kuja kw’isomero, bagasiga bavomye umwe wese akadumu k’amazi asigara arakoreshwa muhira, mu dukorwa tw’isuku, no gufungura. Bagira Imana urugomero rw’amazi ntiruri kure rwose, ni nk’ikirometero kimwe

Ko babana mw’itongo ry’abavyeyi babo, Bukuru na Benewabo barakuranwa kuragira. Ivyo rero bigatuma iyo atariwe aramukiwe kuragira ajana n’umugore wiwe kurima. Barabanye neza n’abavukanyi biwe n’ubwo kuva aho Se na Nyina batanguye kugeramirwa n’amagara yabo, batanguye kurabana ukuntu na Benewabo. Ivyo bikaba biterwa n’uko itongo babamwo kandi barima bose atari rinini rwose.
Ingorane z’amatongo baheruka ni igihe Se yariko aburana n’abavukanyi biwe, ba Sewabo na Bukuru, bapfa amatongo bari basigiwe na Sekuru wa Bukuru. Sekuru yari afise itongo rinini rwose kubera yari umutware. Ariko iryo tongo n’ubwo ryari rinini, kurigaburira abana barenga cumi, vyaratumye abana baronka rito. Kubona impari zavuye mu matongo hagati y’abavukana, biratera ubwoba Bukuru, ariko aguma yizera ko be na Benewabo batazopfa itongo rya Se kuko babigishe kuva bakiri bato kugabura vyose.

Nahimana yubatse na Bukuru ata kintu kinini afise. Iwabo bari bafise amatongo ariko kubera yari umukobwa nta na kimwe yaronse mu bisigi vy’abavyeyi biwe. Abavyeyi biwe bitavye Imana akiri muto. Ayo matongo yasigaye aragabangana basaza biwe. We na mukuru we bagize barabaza baca babishura ngo nta mukobwa atorana. Rimwerimwe basaza biwe bimbuye bahora bamugemurira imfungurwa. Ubu Nahimana asa n’uwavyemeye, arafatanya n’umugabo wiwe kwubaka urugo rwabo, na canecane kuronderera kazoza ibibondo baronse.

Haraciye ukwezi Nahimana na Bukuru baronse agakuru keza. Umusi uri izina abavyeyi ba Bukuru barabatumyeko, n’abavukanyi babo, n’imiryango yabo kugira babahe inkuru. Umutama Se, n’umutamakazi wiwe, Nyina wabo, bafashe ingingo yo kuja kwabirana imbere ya Patiri. Abana babo baratangajwe rwose n’ingendo y’abavyeyi babo. Vyaranabatwengeje rwose. Baraniyumviriye ko kubera ubusaza bwabo ubwenge bwoba buriko buragenda. Ariko barabahumurije barababwira ko mbere bafise n’ijambo rikomeye bashaka kubabwira. Barababwiye ko urukundo arirwo rukuru arico gituma ari ukurwamana mu mutima, bagakunda umuryango, bagakunda abavukanyi, bagakunda abo bubakanye, bagakunda incuti n’abagenzi, bagakunda na barundi, kuko urukundo arirwo shingiro ry’ubuzima. Ahanini bashaka gukora urubanza ruhuza umuryango wabo.

Bamaze gusoma inzoga Se yabashikirije, yarafashe ijambo ababwira ati: “Jewe hamwe n’umuvyeyi wanyu twashatse kuja imbere ya Patiri kugira tubereke ko urukundo rwacu. Tucubaka kera, hari umugabo twabana yari amaze imyaka myinshi yubatse n’umupfasoni wiwe. Ariko vyari vyaranse ko baronka ikibondo. Hanyuma umuryango wari umurembeje ngo yirukane umugore wiwe. Ngo ni ingumba. Ariko uwo mugabo kubera yakunda umugore wiwe, biramwanka. Umusi umwe aca arateguza incuti, ababanyi n’abagenzi ababwira ko bomuherekeza kugemurira umuntu. Niko kubwira umugore wiwe ngo bitegure, barenga inzoga y’impeke, baragura inzoga y’ibitoke, bararondera n’ibiseke biherekeza izo nzoga. Umusi ugeze, bamwe yasaba kumuherekeza baraza, barikorera ingemu, barafata akayira. Bageze mu nzira aca ababwira ati, hari ico nibagiye muhira dusubire inyuma ngende kukirondera. Ico kintu kitabonetse ntaco twoba tugiriye. Barasubira inyuma. Bashitse ati nimuture ivyo mwikoreye. Aca abwira umutambukanyi wiwe ati, zana imikenke twihereze. Abwira abari ngaho bose ati, twashitse iyo twaja, Umukunzi wanje ng’uyu. Ni umutambukanyi wanje twagendeye, kuko arampimbara, aranshika ku nyota. N’abandemera ngo ndamwirukane, ntavyara,… ntaco bazoshikako kuko niwe natoye!
Se ahejeje aca yongerako ati:”Umutamakazi wanje yaranshitse ku nyota n’ubu aracanshimisha, nico gituma namusavye ko tuja guhezagirwa kwa Patiri”.

Ni uko rero, Bukuru na Nahimana, hambavu y’udukorwa twabo twa minsi yose, hambavu y’ukurera abana babo, bariko baritegurira kumara urwo rubanza ruzoba mu mezi ari imbere.

__

Judicaël aba mu Bubiligi