Vyanditswe na Ihorimbere Judicaël

Photo par Igor Rugwiza

Kwumviriza, gusoma amakuru y’i Burundi na canecane mu Kirundi biri mu bintu vya mbere ntasiba gukora buri musi. Iyo ntabikoze nkizinduka ntegerezwa kurondera akanya ko kwumviriza ivyabaye hirya no hino na canecane i Burundi. Birantuma numva ibiyagwa ubwa mbere kandi bigatuma ntibagira ikirundi mu gihe mara imisi ataco mvuga.

Mu kwumviriza amakuru, ngira hariho kandi no kugira nikumbuze ak’iwacu. Jewe birampimbara. Iyo nsubiriye nkiyumvira ko nkiri muto ntatahura igituma abankurira bumviriza amakuru, birantwenza. Ico gihe ntaco vyambwira, kwumviriza amakuru. Ariko ubu umengo sinoryama ntumvirije amakuru y’ibintu vyabaye, aba iwacu, canke ahandi mu makungu. Ubu hoho haje ubuhinga ngurukanabumenyi biroroshe no gusoma ningoga udukuru dufunyafunye twa hirya no hino.

Ariko sinzi ukuntu nafashe akanya mu mezi abiri aheze ndumviriza. Harimwo utuntu tungahe twantwengeje nagiye ndandika. Ni utuntu dushika rimwe na rimwe ariko nibaza ko umumenyeshamakuru aba atateguye. Ariko ahandi naho nkiyumvira ko aba yabigize n’impaka. Mu rukurikirane hariho :

  1. Kurya imbwa canke kuyifungura : Iryo jambo ryanteye kwibaza itandukaniro riri hagati yo kurya no gufungura. Hari aho nigeze gusoma ngo abantu barafungura, ibikoko navyo bikarya. Nivyaba arivyo hari gukoreshwa irivuga gufungura. Ariko sinzi ko kwabaye kwihenda canke gutera inkuru, kuko yari inkuru yatwengeje abantu atari bake.
  2. Amasamaki akuze babaga nk’impene : ako nako nyene karantwengeje hanyuma ndibaza ibikwirikira. Ikibazo ca mbere, ni izo fi zikuze izarizo ? Burya indangala(canke injanga) n’imikeke, ntiziba zikuze ? Mu bisanzwe niko zingana. Kiretse y’uko ubu abarovyi baroba bakaroba n’izitarakura, ariko indagala canke umukeke ukuze(adulte) uguma ari muto. Ku bwanje nibaza ko hari kuvugwa « amasamaki manini ». Ikibazo ca kabiri ni isamaki ibagwa nk’impene ? 😀 Ivyo n’ubu sindabitahura ingene isamaki yogereranywa n’impene… Sinzi ko ifi zisigaye zifise amaguru, canke zoba zisigaye zabira….
  3. Amakuru yadushikiriye dukure impari mw’ibarabara : Ico gihe inkuru yari yagoranye gutangwa mu buhinga bw’ivyuma, hanyuma ibonetse kugira ntibitere impari mw’ibarabara baca barayishikiriza. Koko vyari gutera impari ? 😀
  4. Hariho ibintu bavuga y’uko vyahindaguritse ehe mama ngo ibi, ehe mama ngo birya : Ako ni akantu gashasha nize. Kuko nakumvise kabiri. Nkikumva ubwa mbere nari nzi ngo ni gutera inkuru, ca ndakumva kandi mu yandi makuru. Sinzi ariko intara bagakoresha neza na neza mu gihugu.

Mu makuru y’umubabaro, hari amungane angahe numvise nca ndayimura nayo nyene. Ni ano abiri akwirikira :

  1. Ni irya nyuma muzosubira kumva ijwi ryiwe  : mu kirundi turafise ukuntu dukoresha imvugo ifobetse ariko « ivuga ico ivuga ». Imwe muri izo mvugo zifobetse, ni figure de style bita euphémisme mu gifaransa. Ico gihe bariko bavuga umuntu yapfuye. Hari abavuga ko umuntu yitavye Imana, yashengeye, yagororotse.
  2. Abantu bangana x nibo bashoboye kwitaba Imana : kano ni akantu bakunda kwihenderako. Kandi karamaze imyaka myinshi kuko kuva nkiri muto nahora ndakumva. Iyo umuntu avuze gutyo, umengo abo bantu bapfuye bari bafise intumbero yo gupfa. Abatashoboye gupfa baba batashikiriye intumbero yabo ? 😀

Hari n’abandi bantu nashize mu yundi mugwi, abo ni abantu baba babajijwe mu kirundi bakaca bishura mu rundi rurimi. Kenshi bakaca bisubiramwo bariko baravuga. Iyi ahanini ni ingorane yo kuvanga indimi.

  1. Le dégagement de la voie itegerezwa kuba dégagée : egome nivyo le dégagement de la voie yategerezwa gukorwa, kandi la voie yategerezwa kuba dégagée ariko le dégagement ne peut pas être dégagé. Aho mugabo ngira ivyo vyabaye kubera uwabivuze yasa n’uwurengewe gato.
  2. Hariho amacanal bagiye baracanalisa : aha ni uruzi bategerezwa gutunganya iyo ruca, mu yandi majambo bategerezwa kurucira inzira. Nivyo, ariko nawe ntu, hariho des canaux bagiye baratunganya, canke on doit canaliser ariko on ne canalise pas les canaux.

Reka mperaheze ku tundi twungane ntumvise mu makuru ariko abantu bahora bakoresha bashaka kuvuga kino canke kiriya mu mvugo ifobetse. Kenshi baba bashaka kuvuga ibintu badashaka kuvugira hejuru. Kumbure bibatera isoni ryo kubivuga uko bivugwa… eeeh urupfasoni !!!

  1. Est ce que je peux visiter la maison ? : ico ni ikibazo cabajijwe abanyamahanga bari gukorera i Burundi. Sinzi ko wewe uriko urasoma kino candiko, iyo umuntu aje kukuramutsa akakubwira ko ashaka ko umwereka mu nzu uba utahura ico ashaka kuvuga? Aba ashaka umwereke akazu ka Surwumwe. Abo banyamahanga ntavyo batahuye, baciye bamutembereza mu nzu 😀 . Na rirya ko mu bihugu bimwebimwe gutembereza umushitsi mu nzu ari ibintu bisanzwe na canecane iyo ari umuntu wizeye.
  2. Je vais visiter la nature : aka nako nyene nakumvise haraciye imyaka. Uwakavuze yashaka kuvuga ko ashaka kwihagarika kw’ibarabara… Ariko kubera hari abana iruhande aca yivugira ngo agiye gutembera mu bidukikije. Yooo, iyo bumenya umwe bwari ikindi 😀

__

Judicaël aba akongera akiga mu Bubiligi