Vyanditswe na Ihorimbere Judicaël
Isanamu ya Chris Schwagga

Uburundi bugizwe n’intara cumi n’indwi: Ruyigi, Rutana, Ngozi, Mwaro, Muyinga, Muramvya, Makamba, Kirundo, Kayanza, Karuzi, Gitega, Cibitoke, Cankuzo, Bururi, Bubanza, Bujumbura rural, na Bujumbura Mairie. Nivyo nize mw’ishure, nivyo vyanditse mu bitabo. Igihugu cacu kigizwe n’intara cumi n’indwi, intara imwimwe irafise ibiyiranga, ubutunzi bwayo hamwe n’ukuntu ibayeho. Ariko ikimbabaza si ikindi – nako niko vyamye bimeze – nuko mfise sentiment y’uko iwacu hari “Bujumbura Mairie” ku ruhande rumwe na “Ruguru” ku rundi ruhande. Ndamaze imisi itari mike niyumvira yuko ivyo bintu ariko bitegerezwa kumera canke ko bishobora kumera ukundi. Igituma niyumvira gutyo ni uko womengo hagati y’abanyamuji n’ababa mu gihugu hagati, ku bintu bitari bike, womenga nta huriro rihari, aba mu mibereho, aba mu vyo bagona, aba mu buzima bwa misi yose.

Ego Bujumbura niwo murwa mukuru w’igihugu, kuva na kera tutararonka ukwikukira: nasomye ku buhinga ngurukanabumenyi ko mu ntango ata bantu benshi bari bahari, hanyuma ko Abadagi bahashinze poste militaire. Mu nyuma y’intambara ya mbere y’isi yose, abadagi bagiye, ababiligi bahashitse barahateza imbere kumbure kubera imvo zishobora kuba zijanye na politike y’abo hamwe na géographie. Usumbura nako niko hitwa ico gihe, nibaza ko vyari vyoroshe kuhakorera vyinshi, kubera ari mu kiyaya ugereranije n’ahandi i Burundi, hakaba hari ikiyaga Tanganyika, hanyuma hakaba hari hegereye na Congo, colonie yabo. Ico gihe nako Uburundi n’ Urwanda babifatira hamwe vyari Rwanda-Urundi kuri bo. Kuva ico gihe gushika ubu, Bujumbura niho hari n’ikivuko kinini kuri Tanganyika, ikibuga c’indege – niho ingezi zizanywe n’indege zishikira-. Kubera imvo zitari nke ntanamaitrisa rwose, Bujumbura yaratejwe imbere. N’ubu iyo tendance ntirahera kandi ntiri hafi yo guhera. Igisagara kiguma caguka, amazu yubakwa hirya no hino.  Hariho n’ibindi bisagara mu zindi ntara zitwa ko ziteye imbere ariko sinibaza ko zinganya urugero rw’iterambere na Bujumbura.

Rimwe na rimwe igisagara ca Bujumbura hari igihe ngerageza kukigerenya n’amahanga. Nibaza ko niveau yo kubaho itandukanye rwose no mu gihugu hagati: agaciro k’ubuzima karazimvye rwose. Ikindi naco, uravye ivyerekeye amatara n’amazi, ugereranije no mu gihugu hagati hari ubudasa butari buke. Barayamaze ngo havuga uwo bubezwe, nivyo kuko iyo habaye délestage abanyagisagara baridoga ntibaheze, ariko hari uwurabaza abatarabona amatara ico biyumvira? Ikintu gikunda gushikira abatari bake bava mu gihugu hagati, ni uko bashitse i Bujumbura si benshi baheza ngo bipfuze kuhava mu nyuma. Hariho opportunités zitangana n’iz’ahandi. Nico gituma iyo numvise abantu bariko bagira critique ku bantu bagenda mu mahanga bakagumayo, nsanga hari isano rihari no kumanuka i Bujumbura ukaca uhaguma, ku yindi échelle. Abantu bitwa ko bateye imbere i Bujumbura uravye iyo bava usanga imvukire z’i Bujumbura ari zo nke. Ndazi ko hari benshi bavuye Ruguru, bamaze “kumanuka” batasubiye iwabo, bavuga ngo ni mu bapaysans. Eeeeh ni iwabo ariko ntibavyibagire! Ariko vyongeye, naho ari mu bapaysans nk’uko dukunda kubivuga, niho hava imfungurwa zifungurira igisagara cose: ibiraya, ibiharage, ibitoke, imboga, umuceri, ivyamwa, … vyinshi biza bivuye muri za ntara cumi na zitandatu zisigaye. Umuntu asubiye kugereranya ibihugu biteye imbere n’ibikenye, hari abantu benshi bavuga ko ibihugu biteye imbere kubera bikura matières premières mu bihugu bikenye. Mbona umengo ni exactement ça ariko ku rundi rugero, ndabishize kuri échelle y’igihugu.

Mfatiye ku yindi manière de voir, hari iyindi décalage isa nk’iyisiga ubwenge gato. Umuntu aravye i Bujumbura amazu nyayo n’amahoteli ahari ariko ku gatumba hakaba hari amazu y’ivyondo, hamwehamwe hakaba hakiri na nyakatsi biransiga gato. Biransiga gato ko i Bujumbura, hagezweho mode, ata kwezi guhera hagaca haba défilé de mode, aho abamanequins bambara créations za nyuma z’abastylistes b’abarundi ariko Ruguru abantu bakenyeye ibikwembe, bagenda ata n’ikambambiri bambaye. Biransiga iyo i Bujumbura basigaye bahimbaza Halloween, basigaye bategura Black and white events, hasigaye hari marché de Noël… Biransiga ingene i Bujumbura, bahimbaza Saint-Valentin, nta muntu yombariza mu gihugu hagati ko bazi ivyarivyo. Biransiga iyo i Bujumbura basigaye bagira dancehall battles sinibaza ko abo mu gihugu hagati bazi n’icarico. Mpora ntera inkuru n’abagenzi nkababwira nti murazi ko hariho umuntu ataronka n’urumeya rwa cumi, nti birabashikira mukiyumvira ko bibaho? Bagaca banyishura ngo niwatangura kwiyumvira ibintu nk’ivyo, ntubivamwo. Ivyo ndabivuga kuko nzi ahantu nigeze kuja mu gihugu hagati twigeze kuriha inzoga, hanyuma mu mahera twatanze harimwo igiceri ca 50. Ariko rero, umwana yacuruza tukabona aguma anyinyiriwe mu maso, umengo ntiyasobanukiwe neza. Abari iruhande baca baramuvugira bati erega igiceri ca 50 ntabona ko ari amahera; twaciye tumuha inoti ya 50.

Icatumye nandika bino ubwa mbere, nibaza ko mu gisagara dukwiye kwiyumvira igikenewe essentiellement mu gihugu kugira tugabanye iyo décalage ihari. Nivyo natanze uburorero buri extrêmes et insolites ariko nibaza ko ariho abantu batahura ico nashatse kuvuga. Ibi nanditse sinibaza ko bizokwiragira mu gihugu hagati kuko ubuhinga ngurukanabumenyi butarashikayo, kandi n’i Bujumbura si na bose bafise uburyo bwo kuja muri cyber. Maze imisi niyumvira ingene iyo décalage yogabanuka ariko nta solution ndaronka kugira ngire ico mfashije. Na canecane ko muri réflexion yanje niyumvira ingene iyo décalage yogabanuka bidaciye muri politike. Ico kibazo nagituye abagenzi ndababaza ko ivyo bintu vyoshoboka bidaciye muri politike bambwiye ko ndiko ndarota.

Ubwa kabiri sinshaka kudoma urutoke ku bitagenda neza mu mibereho ya hamwe canke ahandi. Nafashe akanya ko kwiyumvira ndavuga nti eeeeh, hari ukuntu abanyagisagara bamwebamwe na canecane urwaruka hari ico twihenderako. Ngira vyari bikwiye kwigishwa mu mashure, kugira future élite imenye ko intara ziri mu gihugu zuzuyemwo potentiel nyinshi kandi mu migambi y’iterambere tugira, gikuru cari uko twese, abanyagihugu twese turonka opportunités  yo gutera imbere, aho umuntu wese aherereye mu gihugu. Vyari bikwiye ko umuto yegera abamukurira, akababaza afise regard critique, hanyuma ntazogire nka bo “ashitse mu matara”, aze ateke umutwe yiyumvira nyabuna ingene yokora ibirusha ivyo bakoze. Ego ba naka baramanutse hanyuma baratera imbere mu gisagara, ntibasubira iwabo, ariko igisagara kiraga, iterambere rirama nitwe tuzorirondera, kandi ntirizobera mu gisagara gusa. Elite yacu ubu turabona aho yagejeje. Iyizokurikira ni ihigire hanyuma twiyumvire ingene duteza imbere impande zose.

Kimwe gusa, murantunga, sinoshira élite yose mu kivunga. Hari abantu hirya no hino bakora d’une manière exceptionnelle ku mpande zose z’igihugu kugira bateze imbere mu gihugu hagati. Hari abantu bakora ibikora inka mu guteza  imbere uburimyi, ubworozi, amashure, bagerageza kwubaka ngo bakwiragize amazi hirya no hino, barondera imfashanyo zo kwubaka amavuriro bakayubaka koko,… ariko batamenyekana. Nibaza ko abo bantu bamaze gutahura ko ku vyerekeye iterambere ata muntu wo gusiga inyuma. Reka ndangize kuri kano gakuru k’umwana yamanutse i Bujumbura kwivuza, hanyuma bavyara biwe bakimuramutsa bamubwira bati: “Yoooo, waje ngaha? Uragowe! Mama arakwicisha indya udashobora kumara!” Ndangize ndababaza nti: uwo mwana yabishuye iki?

—–

Judicaël aba akongera akiga mu Bubirigi