Vyanditswe na Karl-Chris Nsabiyumva

Ndiko ndabona ukuntu woba wuguruye aka gakuru bitewe n’ijambo ry’umutwe gusa! Haha! Iyo umuntu amaze igihe “yireshangishwa” (amajambo ya mawe, ariko aravuga ivyo nkunda kuyagira hano) ku ngurukanabumenyi (Internet), aramenya ibintu abantu bakunda gusoma. Mu bintu abarundi bakunda, harimwo ibivuga ibijanye n’ubwoko; nico gituma ntakekeranya ko aka gakuru gahava gasomwa na benshi! *NNG* (Ndishwe n’agatwengo)

Mu minsi iheze hari umuntu yanditse igisomwa caryoheye benshi citwa “Why this Hutu Tutsi thing still bothers me. Na jewe ku bwanje caranryoheye kandi naratahuye cane amasentiments yiwe kuko na jewe narayagize kandi mpora ndayagira. Eka n’uno musi nayagize (ni naco gituma nanditse), igihe nagiye numva umuntu ambwira ngo “personne ne vas prendre ton blog au sérieux nihaguma handika abatutsi gusa” Nanje nti “Abatutsi? Ubwoko bw’uwanditse ubumenya gute atabuvuze?” Nari maze kubwirwa ko handika abana bo mu “kizungu” (mu gisagara, no hanze y’igihugu) gusa, ariko ako k’ubwoko sinari bwakumve kweri! Ariko ntarinze kwigira akajuju, ndazi ko mu barundi harimwo akantu ko kwibwira ubwoko bw’umuntu tutanabajije: bamwe baraba uburebure, ubunini, ubwaguke bw’izuru, eka ngo n’iforoma y’ikirenge (like how?!)! Ndamaze no kwumva abavuga ngo hariho ingeso z’abahutu n’iz’abatutsi! *KU* (Kuzunza Umutwe) … Uwo muntu rero yibaza ko handika abatutsi gusa yavuze ngo iyo ariko urasoma ivyiyumviro vy’umuntu, arashobora kubona ko yagize ubuzima bwiza canke bubi, yatembereye, ashigikiye canke agwanya intwaro… ivyo bigaca bimubwira ubwoko bwiwe. Nanje nti Aho ! *KUNKM* (Kuzunza Umutuwe Nifashe Kumunwa)

Mu bisanzwe, je ndi mu batemera ko ibintu vy’ubwoko mu Burundi bifise ifatiro. Ndibaza ko woba umaze kwumva ko abanyabwenge bavuga ko abantu b’ubwoko butandukanye baba bafise imico, akaranga n’indimi bitandukanye. None ko abarundi dufise akaranga kamwe, imico ari imwe, kandi tuvuga ururimi rumwe, kera twari dufise n’Imana imwe… bigenda gute ngo tuvuge ko mu barundi harimwo amoko atandukanye? Canke ninde atazi ko ubuhutu n’ubututsi kera vyari vyerekeye umuco w’ubugererwa? A la limite ibintu vy’imiryango ndavyemera, ariko ivy’ubwoko… wapi vrema!

Ariko rero, mu gihe nzoba nkiba mu Burundi, nzobaho nk’uko noba ndavyemera nyene #NoneNgireGute? Ngiye gusaba akazi muri Leta bakambaza [officiellement] ubwoko bwanje, nzovuga ko ndi umututsi kuko nivyo nabwiwe! None ko biri no mw’ibwirizwa nshingiro ry’igihugu! Naho abantu batavyemanga ku mugaragaro, ibintu vy’ubwoko biracafise uruhara runini mu buzima bwa misi yose bw’umurundi… na Alain atabaye i Burundi yarabibonye!

Mu gihe ntahura ko ibwirizwa nshingiro ryacu rimeze uko rimeze kugira twikingire izindi mpane (zitagira aho zifatiye, atari imvo za politike) [naho ntaratahura igituma abarundi atari abahutu canke abatutsi – nk’abafise amamuko mu biguhu vy’abarabu – basa nk’abibagiwe muri rirya tegeko], bisigura ko dusa nk’abamenyereye ko igikorwa cose gitegerezwa kubamwo umuhutu, umututsi (n’umugore)… Mu gihe ntahura ko aka “mwana wa mama” (dans une mesure limitée) kamenyeho kandi kazokwamaho kw’isi yose… Sintahura igituma igikorwa corwanywa ngo kirimwo abahutu canke abatutsi benshi/gusa! Ko abahindi n’abashinwa tubashorera kandi bakoresha (neza) benewabo gusa? Ko abazungu tubazerako uburaro n’uburamuko, kandi duhora tuvuga ngo ingorane tubayemwo nibo baziduteye? Canke basi, burya diversité ethnique hari ico ipfana na diversité d’opinion? Burya harabaho ivyiyumviro “gitutsi” n’ivyiyumviro “gihutu”?

Ikindi kintu ntahura n’uko hariho abantu basanzwe bifitiye utugorane twabo tugatuma biyumvira, rimwe na rimwe, ibintu bitumvikana. Bamwe ni abibaza ko hari ubwoko bwagenewe (canke buramukirwa) kumererwa neza… naho rimwe na rimwe mpora nishura ababimbwira nti “none ubu naho si mwe mutwara?!”. Abandi ni nk’umugabo ari hano yanyadutse ndiko ndivugira (kuri Twitter) ko naho intwaro ya Nkurunziza ishobora kuba ifise utunenge [nk’uko hari abatari bake babivuga], hariho ibintu vyiza yoba yarakoze. Yavuga ngo sinzi ampleur y’ivyo abahutu bakoze mu burundi, ngo je bafoue la mémoire des martyres de la guerre, ngo nta kuntu na kumwe novuga ibintu nk’ivyo ntari mu mugambwe uri ku butegetsi [ivyo bikangira umututsi w’igihemu, selon lui], n’ibindi vyinshi ! Uyundi mutype nawe yarengeye ku muntu [atazi] yiyamirije abitwaza ubukene ngo baronke ibi na biriya ngo soit nawe ni umubeshi, soit nawe yashikanywe hanze n’amafaranga abavyeyi biwe bivye igihugu. Ku bwiwe ngo nta murundi ashobora gushika no kuba hanze abatebeshe canke ativye mu buryo bumwe canke ubundi! Kera nahora nta umwanya n’inkomezi mu kugerageza kuraisonna abantu nk’aba, ariko naratahuye ko burya bigoye guhindura ivyiyumviro vy’umuntu akuze…

Utuexpériences nk’utu, inkuru z’abandi maze kwumva, ibintu maze gusoma hirya no hino bivuga ku mibano na politike mu Burundi, no kwihweza ingene abarundi tubaheyo, vyaramfashije gutahura ko ibintu vy’ubwoko ari ivyo abantu bamwe bamwe bitwaza kugira bacanganye abanyagihugu hama bashikire inyungu zabo!

Ejo bundi hariho umugenzi wanje tutari mw’idini rimwe nariko ndacokoza ku bijanye n’idini arimwo, ariko duheza ikiyago twihweje ko kurya indero y’umuntu ari résultat y’iyo yahawe muhira, ukongerako ivyo yagiye aratoragura hirya no hino (mw’ishure, mu bagenzi…), ukwemera kw’umuntu ntidushobora kukwévalua twisunze iyo asengera gusa! Hariho ayandi maparamètres ajamwo! Nibaza ko le même principe s’applique aux histoires ethniques: abahutu bose si bamwe kandi abatutsi bose si bamwe! Eka kandi abarundi b’ubu ntibameze kumwe n’abarundi ba kera! Ubwizigirwa bw’umuntu ntaho buhuriye n’ubwoko bwiwe! Nivyo twarabonye aho ababanyi, abagenzi barengera kubo bahora basangira akabisi n’agahiye babahora ubwoko, ariko nibaza ko ivyo biterwa n’agashetani kaba gasanzwe kari mu bantu! Ako gashetani nyene niko kagaruka gutera impari hagati y’abanyabwoko bumwe canke abanyamugambwe umwe… nta turorero ndinda kubaha, muraciye ubwenge, muratwitorera!

Muti rero nshaka gushika kuki, aho nakavugiye? Urwimo rwabaye mu Burundi rwabaye je nkiri umwana: ntawe nishe, nta n’uwo natumye kwica! Naho hariho abanje bishwe, singiye kwanka incuti, abana, abuzukuru, n’abuzukuruza b’ababishe, ata vyemezo mfise ko ari abantu babi, canke ko bashigikiye ivyo incuti zabo zakoze! Yaba ari ibintu vyo kwanka mu kivunga, nta muntu numwe mba mvugisha, kuko hariho abo tuva mu bwoko bumwe, n’abanyamahanga, bankoreye ikibi canke bakagikorera abanje! Eka nta n’uwo nzanka ngo ari mu mugambwe munaka, ata kibi yankoreye! Igituma nandika ibi bintu n’uko nzi hariho abarundi benshi, b’ubwoko butandukanye, bari mu migambwe itandukanye, abakuze n’abakiri bato, biyumvira nka jewe! Kandi nipfuza ko bohaguruka tukibutsa abahora bashaka kutubesha ngo ducanemwo (tutagira ivyo dupfa bifashe) ko tugifise ubwenge!

Tugire amahoro!

Karl-Chris aba akongera agakora i Bujumbura. Murashobora kumukurikirana ku rubuga rwiwe: misterburundi.wordpress.com no kuri Twitter: @Mr_Burundi