Vyanditswe na RM

Ejo bundi naripakije ngiye  gusuhuza incuti  ku bitaro bikuru vy’i Ngozi. Ni ukuri, sinidoze na gato, mu kuduga no mu kumanuka. Napfuye gutabuza  iticket mu Kamenge, baca baranyandikira inimero y’ikibanza nicaramwo kandi,  baca baranambwira isaha tuza kuvira hasi… Volcano yoyo, n’umunota umwe ntiyarengejeko kw’isaha bari batubwiye . Ngaho ndashitse i Ngozi, hariko hagwa imvura nyinshi, rya vumbi ritukura ryahindutse urwondo n’ibiziba bitukura.  Ndaciye ku muhana kubika isaho nari nitwaje, baca barantwara ku bitaro. Nasanze umurwayi  asa nk’uwakize. Benshi baguma bantwenga ngo mvuye i Bujumbura ngiye “kumucura”.

Ariko rero, naratangaye rwose kubona haguma haza abantu kumusuhuza, ni ibintu naheruka kera cane kubera nari maze imyaka mu mahanga. Hari ku munsi w’Imana, wamengo abavuye mu misa bose baruhukiye mu bitaro.

Bukeye, ni jewe niriwe ku bitaro. Emwe, naho nyene haraje abantu kumusuhuza.  Ico nabonye co, umwe wese agenda avuze indwara yagwaye. Hari ikintu maze kubona: abantu bamwebamwe barakunda kurata indwara zabo. Akubwiye ko amenetse umutwe, ugaca umubwira ko ari ibisanzwe uba umumereye nabi cane. Aba ashaka umubwire ngo “yoo hewe, urapfa nta gisivya”, umwumvishe nyene ko aremvye gose. Iyo afise umusonga, akubwira ko yumva hari ikintu kiriko kiramucumita, ko yumva hari umuriro uriko uramwakamwo.

Ejo bundi hari umuntu bariko barakanda ibirenge, akandwa n’umuntu avuye ruguru. Kugira amwereke ko amwumva, twagiye twumva amubwiye ngo “erega uri ikimuga”. Twaciye turabana twese, twumiwe. Mu nyuma niho badusiguriye, ko harya aba ariko “aracompatissa”. Bantu, nivyabashikira muze mumenye ko bababwiye ko mwageseye kubera mugwaye uduhere tubiri mu maso, muze mumenye ko hari ababa bashatse kubahoza.

Ikindi ni uko nahamenyeye amakuru menshi y’i Ngozi. Hari umutware yari aherutse kwitaba Imana *ndahojeje ababuze* , bamwe bavuga ngo yarwaye akantu mu kanwa aca aja mu Rwanda ngo basanga ni cancer y ikinyigishi, abandi ngo yagwaye angine ica ijamwo hypertension, abandi ngo yari agwaye cancer y’umutwe wose. Eka navuyeyo maze kumva indwara zirenga zitanu bavuga ko zoba zahitanye nya mutware. Niho naca nibwira nti burya ndakwiye kugaba cane, nkaza ndayungurura amakuru mpabwa na barundi, canecane nkirinda gusubiramwo ivyo ntazi. Ivyo biti hwe !

Hari abantu babiri baje inyuma ya saa sita (w’umunsi niriwe ku bitaro), baradukomye ishwashwa bimwe vy’akarorero. Uretse ko nabo nyene baduhaye amakuru y’aho baba, baratubwira ko ngendanwa nyinshi zigwaza cancer (mu bitaro umuntu ahamenyera utuntu twinshi tujanye n’amagara y’abantu, haba hasigaye kumenya nimba izo nkuru aba ari zo). Ni ko guca batangura kutubwira ko ngendanwa zigisibije mu ngo.

Ngo abadamu, baracunga gose ngendanwa z’abagabo babo, ku buryo ngo ubu bagiye kwoga (nya bagabo) basigaye bagenda bazikenyeye “mw’iswime”. Ngo ivyo navyo bikababaza abapfasoni rwose, kuko ntibaba bakironse akaryo ko gusoma amamessages.  Ngo wihenze ukaza urafuta amamessages yose, ngo uza ubona madamu ariko akubaza igituma atanumwe akwandikira. Vyaciye bituma nkunda ngendanwa yanje nshasha, imwe benshi bita “kayogoro”. Message ndungitse jewe nyene, simba ngishoboye gusubira inyuma ngo ndayisome : agasandugu ka éléments envoyés kama kagaragara. Ikindi ni uko idashobora kumbikira messages reçus zirenga mirongo ibiri… Urumva nama ndiko ndazifuta. Iyo ngendanwa ni ukuri iragwanya urusaku !

Ng’utwo udukuru nabasumiye mu bitaro vy’i Ngozi, nako muri ico cumba c’umurwayi  nari ngiye kuraba. Uwumaze kujayo yotanganzwa n’ukuntu ntababwiye ibinyabuzima (cane cane inyenzi) nasanzeyo, n’ubukene bw’amazi.. Ariko ngo ukuyavuga siko kuyamara.

Nari ngiye ntanababwiye ko umurwayi wanje yakize kandi yasohotse ibitaro.

Ni agahindukira!

RM

(Isanamu ya internationalmedicalcorps.org.uk)

RM aba akongera agakora i Bujumbura. Murashobora kumukurikirana ku rubuga rwiwe: somandika.canalblog.com