Vyanditswe na Karl-Chris Nsabiyumva
Isanamu yafashwe na Teddy Mazina

Uno musi hari abagenzi twariko turatera inkuru baca bambaza nimba wa mwanditsi Charles Onyango-Obbo w’ikinyamakuru “The East African” yaramenye ko mu Burundi twahavuye turonka a sex scandal ivugwa mu makuru (affaire Bamvunginyumvira – *SMH*); nanje nti ngira ntavyo aramenya kubera amakuru menshi (canke yose) abivuga yanditse mu gifaransa no mu kirundi, akaba atazi gusoma izo ndimi (mbo, nivyo nibaza). Nkivuga ivyo, hari ikintu naciye ntahura: mu bituma abantu baba muri kano karere batamenya amakuru yacu, ndibaza ko kudatahura indimi twandikamwo bifise uruhara runini!

Imbere yo kwiruka gutanguza ibinyamakuru mu congereza canke mu giswahili, nimunkundire mbanze ndababwire igituma nibaza ko kutamenya amakuru yacu atari bibi (naho atari vyiza)! Ni kubera dufise amakuru mabi… du moins, amakuru menshi dusoma canke twumva aba ari mabi; nanje nti nta kamaro ko kwiyararaza mu makungu, na rirya ata vyiza vyinshi batuziko! None sivyo?

Hari akantu maze kubona mu bantu: biratworohera kuvuga inkuru mbi kuruta kuvuga inkuru nziza. Rimwe na rimwe wokwibaza ko hari abantu baryoherwa no gutanga amakuru mabi. Iyi si ingorane y’abarundi gusa, ubisanga mu bantu bose… ariko ntibisigura ko twobifata nk’ibisanzwe!

Muramaze kubona ingene abarundi dutanguranwa kuvuga ingorane ziri mu gihugu, rimwe na rimwe tukabivuga twimoka ukamengo ni abandi turiko turaponda atari twebwe nyene? Egome hariho ingorane, ariko kuva aho twakavugiye vyamaze iki, atari uko amakuru dutanga atuzanira abadutwenga, n’abandi bitwa ko baje kudufasha baza kwirira amafaranga gusa ata “solutions à long terme” bazanye? Abazi kuvuga ingorane babaye benshi gusumvya abavuga ibigenda neza (biriho!) canke abavuga bariko baragerageza gutunganya ibintu… canke kandi abatanga inyishu (ziri concrets) z’ibibazo dusanzwe tuzi bihari! Ngo uwuja gukira indwara arayirata? Sinibaza ko uwiyumviriye uwo mwibutsa yashaka guhimiriza abantu kwiyararaza vrema! Umengo hariho ubuhizi mukwivuga nabi, canecane iyo turiko tubwira abanyamahanga! Ibi ntitubibona mu binyamakuru gusa, turabibona no mu buzima bwa misi yose aho usanga umurundi, ha gukebura mwenewabo ari mu makosa, yirukanga kumurega ku munyamahanga ari hafi. [Ibi mvuga bituraba twese, ntimugire ngo ndiko ndikuramwo!] Iyo turiko turivuga nabi umengo inyishu z’ibibazo vyacu zizova hanze… Hm! Kandi naho umuntu yoba ariko aragufasha, harabaho kwihagararako, kwiha agaciro, nk’uko babivuga aho hakurya ya kanyaru! Mbe hari uwanka kwonka nyina ngo arwaye amahere, canke hari uwihakana se ngo yambaye ibishambara (uyu ndawifondeye, hah!)… umuntu w’umutima ntiyoca agira ibishoboka vyose kugira ngo aheshe agateka se na nyina? Ehe mu bihugu duturanye (mbo, apana mu burengero) ukuntu bihayagiza, rimwe na rimwe bakanibeshera… ariko si kubera badafise ingorane… Ni kubera batahuye ko umuntu bamufata uko ari canke uko yiyerekanye! Twigize abantu ataco bashoboye, ataco bamaze, bazoguma badufata uko nyene!

Muri bino bihe tugezemwo, uburyo bwo kumenyekanisha amakuru bwaragwiriye, buratera imbere, buranashikira benshi. Ubu umuntu wese afise connexion Internet arashobora kwigira kamenyi muri ibi na biriya, agatanga amakuru canke akigira umuhanuzi atawabimusavye [ntimuronderere kure, nimundabe jewe #Kumaramara]… si bibi iyo bifise intumbero nziza! Ikibabaje ni iyo umurundi yigize umuhinga mu gusarisha uburundi – hari ababigira kugira biyerekane ko basumvya ubwenge abandi [naho ubwenge bubonekera mu bikorwa, apana mu majambo] canke ko babaye igihugu kurusha abandi, ababigira babitewe n’umubabaro wo kubona ibintu bitagenda neza mu gihugu [naho guponda ataco bihindura], n’abandi babitera nk’inkuru bakibagira ko uwukugaye kenshi agutwengera! Nico gituma mvuga nti Onyango-Obbo ntakamenye amakuru ya Bamvuginyumvira! Kuyamenya kwiwe sinibaza ko hari ico vyotumarira ciza!

… Nico gituma mu misi iheze nafashe ingingo ko ikintu cose cega abarundi gusa nzocandika mu Kirundi! Ntibizombuza kudoma urutoke ku bitagenda, haba mu ntwaro, mu mibano canke mu bindi… ariko ivyo nzovuga bizokwumva abo biraba gusa! [Uwuzokwiha akazi ko kubitraduisa nawe Imana izomuhane ukwiwe, kubw’ingingo azoba yafashe yo kutwararaza! Eeeh!] Tugize ingorane, tugerageze kuzitorera inyishu twebwe nyene, kuko turabishoboye! Hakenewe “umuexpert” (ava hanze) naho tuzorondere “umuprofessionnel” tutarinze kubibwira abahita bose ata n’ico bodufashamwo. Hanyuma tumaze gutorera inyishu ingorane, duheze twihereze ibinyamakuru tubwira amakungu ukuntu twaciye mu ngorane ARIKO twazitoreye umuti… Ntitube abantu bavuga ingorane gusa ata nyinshu canke ivyigwa dushobora guha abandi!

Ndavuga simvura murantunga!

Karl-Chris aba akongera agakora i Bujumbura. Murashobora kumumurikirana ku rubuga rwiwe: misterburundi.wordpress.com no kuri Twitter: @Mr_Burundi