Inkuru ya Judicaël Ihorimbere
Isanamu ya Arnaud Gwaga Mugisha

Karori yavutse mu muryango munini. Akazi kiwe ni ubukarani. Ni umwikorezi. Mu bindi bihugu, akazi kiwe bashobora kukita bagagiste, ariko ni bagagiste particulier kuko ivyo yikorera  biratandukanye rwose na bagages zisanzwe. Arashobora kwikorera vyose. Ahora yiyumvira ico abaclients baba biyumvira iyo bamuhaye ibintu biri hano ngo avyikorere, ariko ararya umutima amenyo akikorera ivyo bamuhaye vyose. Izosi ryiwe n’umutwe vyaramenyereye kwikorera ibintu biremereye rwose. Ivyerekeye amagara yiwe nta n’ivyo yiyumvira; aronse amafaranga yo kubaho biramaze. Umubiri wiwe ugenda urakomera uko imisi igenda, niko kandi agenda arikorera ibiremereye kurusha.

Yatanguye kwikorera akiri muto rwose. Akiri akana gato, abavyeyi biwe batanguye bamuha uducupa twa Fanta akadutwara kuvoma. Hakurikiye utudumu dutoduto. Uko imyaka yagenda niko yashobora kwiremeka ibidumu binini, bimwe bijamwo amalitiro nka cumi canke mirongo ibiri. Aho ga yabikora afise imyaka cumi gusa! Aribuka ko bavyara biwe baje kuramukanya bavuye i Bujumbura, bamuherekeza. Ariko n’ubwo bamusumvya igihagararo ntabwo bamurusha gukomera! Yararaba ibiganza vyabo akabona ko ata nguvu birimwo. Ivyo kwikorera ntavyo bari no kwiyumvira, na rirya batashobora no gufata isuka. Bamusavye ngo bamufashe yaca abaha utudumu tw’amalitiro atanu; nako ntiyari kubikoreza ivyo badashoboye. Mu majambo make yarikoreye ubuzima bwiwe nka bwose. Aribuka akiri muto agiye kuramukanya mu ncuti ko yagenda yikoreye ibisimbo vyuzuye ingemu. Yahereye mu kwikorera inkoko kubera atari bwakomere izosi. Mu nyuma arikorera ibiremereye kurusha. Gutambuka ibirometero yikoreye ubu ntibikimukanga, kuko yabigize kuva akiri muto.

Yaba hafi y’ibarabara rya kaburimbo, akabona abava i Bujumbura. Bitewe n’ingorane zaciye mu gihugu, iwabo barakenye bituma ava mwishure ari mu mwaka wa gatanu. Ni uko yurira icamion itwaye amakara agenda yicaranye na Bwana shoferi. Yaratomboye kuko nta n’amahera yamusavye, bari bazinanye yari uwo mu kibano! Ashitse mu muji, umusi wa mbere yaraye mw’ibarabara. Hmmmh Umuji uri hano waramwakiriye pe! Yasigaye ariyumvira igituma yagiyeyo. Ariko yari yabonye ikizungu, ntavyo gusubira inyuma! Yari afise imyaka cumi n’ine. Amaze indwi afungura utuntu tutaja ntituze, arateka imitwe. Gusega? Eka vyari kubiri n’uko abavyeyi bamureze. Kuba komvwayeri ? Ntabwo yari azi igisagara ! Kuba taxi-velo? Ntabwo yari azi gutwara ikinga, eka nta n’iryo yari afise. Kuba umuboyi? Yari azi gucumba umutsima, no guteka ivyo mu mazi gusa! Kuba umuyaya? Yari umuhungu ntibari kumwemerera kurera abana !… Ibibazo vyamubanye vyinshi, niko yaciye yibuka ivyo yahora akora. Kwikorera nibwo bwabaye ubukiriro bwiwe!

Yahereye kw’isoko ryo ku musaga. Akaja arikorera… Ehe imifuko y’ibiharage, imifuko y’ibiraya,… Ngayo amezi araheze. Yari yararonse akumba araramwo. Gufungura vyakorwa rimwe ku munsi. Aramutse yakoreye menshi yaragacishamwo agafungura kabiri ku musi. Ariko vyari imbonekarimwe kubera amahera yaronka yari make rwose. Arateka imitwe kandi, aheza yibwira ati isoko rikuru rya Bujumbura niryo risumba yose. Yibwira ko ariho azoronka amahera asumba ayo yahora aronka. Agishikayo yaratangajwe no kubona imodokari zingana ukuri hano. Vyose vyari binini canke vyinshi  muri iryo soko. N’abantu baja gusuma ntibagira uko bangana. Yararonka abaclients batari bake. Hagati mu ndwi yarahakura amahera ariko nta ngere yo ku musi wa gatandatu no ku musi w’Imana. Abanyagisagara bose wamengo bahanye isango. Yararyoherwa iyo misi. Ba Inarugo bose bo mu gisagara basidukana n’iyonka kugira basume, bakaca bamuha ivyo yikorera. Akazi kari kagoye kurusha ariko. Kuko baza bazanye amagapo canke ubumwanya, yaterura mu minwe; akagirako akikorera n’imifuko y’ibiro mirongo itanu irimwo imfungurwa. Umutwe, izosi, amaboko, … vyose vyarakora. Icamubabaza kwari uko, ivyo yikoreye vyose amahera yari amwe. Ntibamurenza mirongo itanu. Asavye menshi, hari n’igihe bagenda ataco bamuhaye.

Haheze imyaka icumi, asigaye azi igisagara, Niko kuja inama yo kugenda mu carabu, kwikorera imifuko ya ciment. Agishikayo haramukanze gato, kuko bavugayo igiswahili cinshi. Ariko icari kiryoshe, nuko kenshi na kenshi yikorera apakira camions. Ivyo vyasigura ko atagenda ibirometero vyinshi. Aho rero bakorana n’abandi bagenzi bari bamenyanye. Bapatana n’uwuje kugura iciment ku mufuko. Ivyo vyaramufasha kuronka amahera aruta ayo yakorera kw’isoko. Kuko bavugana amahera na client imbere y’uko atangura gukora. Ntibari bakimwiba nk’uko babigira agitangura gukora. Rimwe na rimwe hari n’aho wasanga ari umudandaji abakoresha. Ariko imifuko ya ciment ntiyari yoroshe kwiremeka kubera uretse uburemere bwayo, iciment yaratuma ikamuja mu maso, ku mubiri, akayihumeka,… Ariko uko yari yamye aterura ibiremereye, yararya umutima amenyo agaterura iyo mifuko.

Ngiyo imyaka itanu iraheze. Iruhande y’imangazini ya ciment, hari iyindi yadandaza ivyuma vyo kwubaka. Aravyihweza, abona niho hari amahera yisununuye gato. Niko guheba ivya ciment aca agenda kwikorera vya vyuma vyo kwubaka bita fers à beton. Ivyo rero vyari biremereye.  Abiteruye nabi yashika mu kiganza ari inguma gusa. Amabavu ntiyari akiyaharura, nako ikiganza ciwe cari gisigaye kigumye kurusha ikirenge ciwe. Izosi ryiwe wamengo uko imisi igenda rigenda riracokera. Vyari bigoye kuko ivyuma vyo kwubaka baratambuka na bagenzi biwe bavyikoreye urugendo rutari ruto kuri rya zuba ry’i Bujumbura. Abagura ivyo vyuma badashaka kuriha amahera menshi y’imodoka ibitwara baca bamwikorako akagenda ibirometero vyinshi avyikoreye. Akabivana mu carabu abijana mu zindi komine. Be na bagenzi be bategerezwa kugenda bitonze bagenda bararaba imiduga, kuko kenshi na kenshi imiduga yaguma ibavugirizako clacksons kuko baba bari mw’ibarabara. Ibitutsi vyo ntiyari akibiharura. Bamutukira ibintu vyose. Yikoreye nabi, yikoreye bike, acerewe, ariko agendera mw’ibarabara,… Ivyo vyaramutera ivyiyumviro bitari bike.

Ubu afise imyaka 36. Ubuzima bwiwe ntibwigeze bworoha namba. Kuva akiri umwana gushika ku myaka agezeko kwari kwikorera. Hari igihe ari muhira yiyumvira ko nawe nyene yari kuba yaragiye mw’ishure, agatera imbere kurusha aho yari yigejeje. Ariko ntiyabitebako, yaguma yitwengera atera inkuru n’abandi bantu. Ariko yaribwira mu mutima wiwe ko niyubaka urwiwe, abana azoronka bose  azobashira mw’ishure kugira batere imbere.

Ubu yararonse akazi muri dépôt. Yikorera amacasiers y’ifanta n’inzoga.

Judicaël aba akongera akiga mu Bubiligi