Vyanditswe na Karl-Chris R. Nsabiyumva

Nyamurere Oscar yari umunyeshure w’akarorero: yama aba muri batanu ba mbere, mw’ikarashishi nta uwamugera inyuma, yararirimba muri chorale, eka no muri théâtre yarabica bigacika! Umuyobozi w’ishure, abigisha, abanyeshure… bose baramukunda kandi bakamushima!

Ariko Nyamurere Oscar yari afise ikibazo mu mutima iwe: yaribaza ukuntu yoshobora gushika mu gisagara ca Bujumbura bikamusiga. Ahantu yari amaze gushika kure hari ku mugwa mukuru w’intara avukamwo. Yahora yumva amakuru y’i Bujumbura, akabona n’ukuntu abahorayo baza bayagayaga basa nk’ababaye bashasha, akipfuza icohamushikana! Ni uko Nyamurere Oscar yibwira mu mutima iwe ko atoheza umwaka w’icumi adashitse i Bujumbura na rimwe. Ni uko amaze kwiga umugambi w’ukuntu yoshikayo, yegera umuyobozi w’ishure :

–  Nyamurere: Nyakwubahwa Diregite, jewe ndahanzwe n’indwara y’amaso. Amaso aranrya, eka no ku kibaho sinkibona neza! Kugira nimure ndinda kurabira ku munyeshure twicarana. Ndumva ko ntivujije vuba bishobora kungora mbere n’ikibazo ca Reta turiko turitegurira kikananira. Nari nje kubasaba uruhusha rwo kumanuka i Bujumbura kwivuza.
–  Umuyobozi: Umh, nivyo ga Osika? None urafise amafaranga yo kwivuza, canke aho uzoshikira?
–  Nyamurere: Egome! Hariyo Senge w’umu prof muri lycée y’i Bujumbura. Nzoshikira iwe, kandi ivy’amafaranga yo kwivuza azovyitwararika.
–  Umuyobozi: Très bienÇa tombe bien nzomanuka ejo kuraba umuryango. Urahava witegura nzokumanukane, gutyo uziganye amafaranga y’itike.

Nyamurere Oscar ava mu biro vya diregiteri ahimbawe cane, yirukanga gutira agasakoshi ko gutekeramwo utuntu twiwe…

Ng’uyo Nyamurere Oscar, n’akamwemwe kenshi, mw’iStout ya Diregiteri igana imanuka i Bujumbura. Nk’uko nari nabibabwiye, mu buzima bwiwe ntiyari bwarenge umugwa mukuru w’intara avukamwo. Murumva ko yagenda aratamarirwa aho baca hose: i Gitega, i Muramvya, i Bugarama… aho n’uko atari bwashikire aho abona ikiyaya n’umuji vya Bujumbura, tutibagiye Tanganyika, ngo ajorerwe, vyanke n’uko asohora ijambo!

Bageze kuri Gare du Nord, diregiteri arahagarika umuduga aramubaza:

–  Wururukira he ga Osika ?
–  Nyamurere: Kwa Senge, yitwa Mariserina !
–  Umuyobozi: Eh, none aba he?
–  Nyamurere: Umh, diregite, mwigisha Mariserina ntawe muzi? Yigisha mw’ishure ryisumbuye hano i Bujumbura?
–  Umuyobozi: nomumenya gute? Turazinanye? Yarakoze harya iwacu?
–  Nyamurere: Diregite, aha mwombaza abantu bose baba kuri karya gatumba kacu sinobababwira, mbere nkanabashikana ku mihana yabo? Ubu natwe ko twashitse i Bujumbura, nimunyereke aho Senge aba! Noneho, turasa! Ntivyobagora kumumenya! Ni umupfasoni yitwa Mariserina, yigisha mw’ishure ryisumbuye aha i Bujumbura, asa nk’uku kwanje!
–  Umuyobozi (n’ishavu ryinshi): Donko ntuzi iyo uroye?! Nibwo bwambere ushitse i Bujumbura canke?!
–  Nyamurere: basha, unomunsi nibwo bwambere ndenze harya kw’i depôt yo ku mugwa mukuru!

(Ibi vyabaye mu gihe amaterefone ngendanwa atari bwagwire mu gihugu.)

Diregiteri, yabuze uko agira, babuze uwo babaza, aratahana Nyamurere iwe muri Rohero, aramuha indaro.

Nyamurere si we yabonye burakeye kugira yihereze amabarabara yo muri Rohero, atembera, aja hirya no hino, araba utuntu n’utundi. Ariko ntiyashika kure, mu gutinya ko yohava atakara akabura inzira imusubiza i muhira. Yaza arahiga bukebuke, agenda, agaruka, ku buryo ku munsi ugira gatatu yari yamenye inzira imushikana kw’isoko nkuru ya Bujumbura. Arahatembera, arahazunguruka, agenda asubira… gushika aho yaja abona bahuye na Rozariya wo ku musozi iwabo!

Rozariya bari bariganye na Nyamurere gushika mu mwaka wa gatatu w’amashure matomato. Aho abandi babandanya amashure, we yaramugoye, asubiramwo, yiyongeza… aratinda arayaheba, aca arimanukira gukora akazi k’ubuyaya i Bujumbura.

Rozariya baramwemera cane iwabo bitewe n’ubusirimu bwiwe. Igihe cose aduze kuramukanya yaza azanye akantu gashasha: impuzu nshasha, imvugo nshasha… abakobwa baramuraba bagashaka kumera nkawe, abahungu nabo bakamwifuza. Ariko Rozariya ntiyakwegana n’uwariwe wese: atari musitanteri, abigisha, n’abadandaza bakomeye, ntawe banywana… eh, erega ni umunyamuji! Ahantu yari asigaye avuga igiswahili?!

Bahuye na Nyamurere rero, umunezero uba mwinshi. Barahoberana, Nyamurere aramubwira ukuntu yashitse mu muji nawe ati: “Ca ngaha ndagusororere, hariya muhira uzogende ubabwira uti Rozariya yaranyeretse umuji!” Ngabo baranyoye, baratembereye  kuri Tanganyika, barihereje ka mushikaki, baratamvye, mbere baranafata icumba ahantu bara…(hariya ngo bavyita “kujisha inkoko”!)… Barakora ivyo bakora, aho amasaha aguma yegera imbere Nyamurere atarataha! Satanu z’ijoro ngo ba!, Rozariya araherekeza Nyamurere, aramusezera, Nyamurere arafata inzira igana i muhira… arahabura! Arazunguruka, arasubira, agenda aradodora ku miryango abaza ko hoba ari ho… wapi! Umunyezamu umwe aramubaza:

–  None wewe uja kwa nde?
–  Nyamurere: kwa Diregiteri w’ishure ryisumbuye! Atwara iStout ya vert! (Aramubwiye izina ry’umusozi, zamu akumva uyundi musozi vyitiranwa mu yindi ntara!)
–  Zamu: wapi, kweri! None urahazi iyo urondera?!
–  Nyamurere: ndahazi kuko niyo maze iminsi ntaha! Uno musi gusa vyangoye ntaha bwije none amayira yanyobeye, simbona iyo nja n’iyo mva!

Aho hari nka sasita z’ijoro. Zamu amwumvira ikigongwe, amuha indaro.

Bukeye, arafata inzira arataha (eh, yahavuye ahatora). Agishika bihurirana n’uko diregiteri asohotse aramubwira ati: egeranya utwawe, n’aho nkubitiye, ndagarutse duce tuduga!

Kubera ukumaramara, Nyamurere yarinze ashika iwabo atavuze ijambo na rimwe…

Bukeye baraye bashitse, bahejeje kuduza drapeau, diregiteri ahamagara Nyamurere imbere y’abandi banyeshure bose aramusaba ababwire ukuntu urugendo yahoramwo rwagenze, ataco yibagira kandi atabesha! Nyamurere arabivuga vyose, atinya ko bohava bamuhana. Inkuru iraba inkuru, abanyeshure eka n’abigisha baratwenga. Nyamurere nawe atahana renvoi y’indwi z’ibiri.

Ari muhira, Nyamurere ariyumvira ivyigwa bimaze kumusiga, ariyumvira ukuntu yamaramaye abandi bariko baramutwenga, ni uko yiga umugambi wo guheba ishure, no kwiyandikisha mu gisoda. Yari yarumvise ko mu gisoda bariko barandika; ni uko aja kwiyandikisha, arakora ikibazo, aragitora, aca arinjira igisoda!

… Sije nohahera, hohera sous-officier Nyamurere Oscar yazize umuji (n’iswingi za Rozariya) !

Karl-Chris aba akongera agakora i Bujumbura.