Vyanditswe na Ihorimbere Judicaël

Umuntu yumvirije insamirizi, akaraba imboneshakure, agasoma ibinyamakuru arabona ko haheze imyaka itari mike havugwa ibijanye n’ikibanza c’umukenyezi ugereranije n’ikibanza umugabo afise. Nta wutarumva ibijanye na Emancipation y’abakenyezi. I Burundi, hari amashirahamwe menshi aharanira agateka k’abakenyezi. Uwutembereye mu bindi bihugu asanga ari co kimwe. Muri be n’ayo mashirahamwe uwihweje neza, arasanga hagwiriyemwo abakenyezi, ariko ugasanga nta bagabo benshi barimwo. Hari n’abavuga nabi bitwengera ngo ayo ma associations agamije gukumira abagabo. Mbega vyoba bitangaje ko harimwo abakenyezi benshi kurusha abagabo? Haba namba kuko ni ibisanzwe: umuntu niwe atangura guharanira agateka kiwe imbere y’uko abandi baharanira ako gateka kiwe. Ariko hariho abagabo banyuzwe, bafasha abakenyezi guharanira agateka kabo. Reka twihweze ivyerekeye amateka y’abakenyezi duhereye muri kahise n’ukuntu vyifashe ubu. Ikibazo dushimikirako ni iki : Kubera iki iwacu ibijanye n’ukungana kw’umukenyezi n’umugabo bigorana gutahura?

Inyishu ya mbere iza kandi yoroshe gutanga ni: “ni ko vyamye”. Iyo nyishu iza ningoga ariko hari ibintu bimwebimwe bishobora kudutuma tugira amadidane kuri iyo nyishu. Mbega muri Kahise, abakenyezi bamye bakumirwa? Akarorero kaza gahakana ya nyishu ya “ni ko vyamye” ni ak’umwamikazi Ririkumutima. Uwutazi ico yamaze muri Kahise k’Uburundi aratohoza abaze abakurambere canke aronderere mu vyirwa vya Kahise k’Uburundi. Ku vyo nibuka, niwe yakoze ico bita Régence mu gihe umuhungu wiwe Mutaga Mbikije yari akiri ikibondo kandi ariwe yaramutswa Uburundi. Turavye mu myaka 20 iheze, hariho abakenyezi bagiye bararonka amabanga akomeye mu gihugu cacu. Nta uwobadondagura hano bose ngo aheze. Bariho ariko ni bake ugereranije n’abagabo. Ariko amategeko yo avuga ibindi! None kubera iki ibintu vyifashe gutyo? Inyishu irahari ariko ntiyoroshe. Ico kibazo ni ico  kwitondera rwose kuko ni inkurikizi z’ibintu vyinshi. Inyishu ntiri hano muri kino candiko, ariko ngira harimwo n’intererano nto.

Kera ibikorwa vy’umugabo n’ivy’umukenyezi vyari bigabuye. Ibijanye n’ibikorwa bumbarugo vyabazwa umukenyezi. Umugabo niwe yaseruka imbere, agaserukira urugo hanze. Urugo rwaramutswa we. Umukenyezi nawe yatunganya ibintu vyo mu nzu nko kurondera imfungurwa, gukora isuku, kurera abana… Ivyo kurima mu bisanzwe vyakora bose, n’ubwo wasanga abakenyezi kenshi na kenshi aribo babikora rwose. Kubera ukwo kuntu ibikorwa vyari bigabuwe, n’indero abana bahabwa yavana n’uko ari abahungu canke abakobwa. Abahungu bigishwa canecane ibikorwa bijanye n’inguvu, kugira bazorinde, baze bakingire urugo rwabo. Abakobwa nabo bigishwa ibikorwa bijanye no kubungabunga ingo zabo. Ivyo niko vyari bimeze mu ngo nyinshi, ariko nta muziro wabuza umugabo gukinjika. Nta muziro wabuza umugabo guterera amata, canke kurera abana biwe. Eka nta n’umuziro wabuza abahungu guheka barumuna babo canke bashiki babo bakiri inzoya. Ndabivuze gutyo kuko nivyo nzi. Ngira hari imiziro ijanye navyo batambariye muhira. Ndabivuga nkabisubiramwo, ivyo nzi ni bike rwose. Ahanini ibi navyumvise mw’ishure, canke ndabibariwe na ba nyogokuru, ba sogokuru, abavyeyi hamwe n’incuti.

Abazungu bamaze kuza bakazana amashure, ibintu ntivyahindutse rwose. Mu ngo nyinshi, wasanga abarungitswe kwiga ubwa mbere bari abahungu. Bashiki babo bagasigara muhira batunganya udukorwa two mu nzu. Nibo basigara barafasha abavyeyi babo kuronderera benewabo imfungurwa. Murarabe neza, muzosanga ariko bimeze: abafise incuti zavutse mu myaka iri hagati ya 1940-1970, muraharure muhereye kuri ba so banyu, ba nyogosenge, ba Nyokwanyu, ba nyokorome, abavyara,… murabe igitigiri c’abagabo bize ugereranije n’ic’abakenyezi bize. Nta gitangaza kirimwo, abagabo bize muri iyo myaka nibo benshi ugereranije n’ abakenyezi. Mu gitigiri c’abakenyezi bize, muraharura abagize amashure maremare nka Kaminuza. Muzosanga bari ku rushi ugereranije n’abagabo. Ubu, uwugereranije igitigiri c’abigeme n’abahungu bari mu mashure matomato asanga ibintu biriko birahinduka buhorobuhoro. Ushitse mu mashure yisumbuye ho ibintu vyarahindutse atari cane, vyagumye bishaka kumera nk’ivyakera. Abigeme benshi ntibaheza amashure yisumbuye ngo bashike muri za Kaminuza. None ivyo bintu vyoba biterwa n’iki ga yemwe?

Hari uwambwiye kenshi ko iwacu i Burundi, ingorane nyinshi ziri mu kuntu tubayeho, ukuntu twiyumvira; ngo nta kuronderera ingorane kure rwose. Amateka y’abakenyezi areka kubahirizwa kubera dufise uko twiyumvira. Ivyo navyo bigaterwa ahanini n’imico, imigenzo, … ituma dufise uko twiyumvira. Mu gisagara ca Bujumbura, ibintu bisa nk’ibiriko birahinduka kuko abana nka bose baraja mw’ishure. Kandi bagenda mw’ishure bose, ata kuraba ngo ni abahungu canke abakobwa. Ibintu bimeze uko kubera mu miryango y’i Bujumbura, ahanini usanga abavyeyi barize. Iyo batize bose haba harimwo rimwerimwe n’umwe yize. Kenshi usanga umugabo ari we yize wenyene, canke ariwe yize amashure menshi kurusha umugore wiwe. Ivyo navyo ni inkurikizi ya bimwe navuga vyo mu myaka ya 1940-1970. Niko bimeze kenshi. Ruguru, ibintu siko biri. Hoho, ibintu vyarayangaye koko. Ruguru, benshi ntibize. Abantu usanga bakiri “abanyakirundi” rwose. N’abitwa ko baciye kw’ishure hari igihe usanga baciyumvira nka kera: kuri bo umukobwa ategerezwa kubazwa ivy’urugo, umuhungu nawe akaja kurondera ubuzima. Kuri bo, umukobwa nta mashure maremare akwiye kugira kubera igikorwa ciwe ca mbere ari gutunganya ibikorwa mbumbarugo.

Amateka y’abakenyezi azokubahirizwa gute mu gihe imigenzo n’imico biguma bitubwira ko akazi ka mbere k’umukenyezi ari ibikorwa mbumbarugo hanyuma akazi k’umugabo kakaba ako gutunganya ivyo hanze ? Mu bihugu vya Buraya, vyitwa ko ingorane zijanye n’ukubahiriza amateka y’abakenyezi ziriko zirahera, ho bimeze ukundi. Barabaza abagiye kwubaka, iyo bageze kwandikwa mw’ikomine, uwuzoramutswa urugo. Serugo ashobora kuba umugabo canke umugore. Murabibwira ba nyokuru na ba sokuru banyu murabe agatwengo kabo. Eka murahera ku bavyeyi banyu murabe ico babivugako. Abigeme bategerezwa kuja mu mashure ku rugero rumwe n’abahungu, kandi bagahabwa uburengazira bumwe n’abahungu mu kubandanya amashure yisumbuye na Kaminuza. Iyo ikaba ingingo.

Amateka y’abakenyezi azokubahirizwa gute mu gihe mu miryango yacu usanga ibikorwa vyo muhira bikorwa n’abakobwa canecane? No mu bantu bitwa ko bize i Bujumbura, aribo bakwiye kubitahura kurusha, hageze gukora isuku mu nzu bahamagara umukobwa. Hageze kuja gukinjika, abakobwa nibo babibazwa ubwa mbere. Nyina ahamagara ubwa mbere abakobwa biwe abaza ko ibintu vyatunganye abahungu bicaye ngaho. Amateka y’abakenyezi azokubahirizwa gute iyo hageze imanza z’amatongo, Se atwara abahungu biwe agasiga abakobwa muhira? Hari abahava bantera amabuye ninazana ivyo gutorana amatongo hano. Bizohinduka gute abantu tucugaranywe mu mitwe yacu n’imigenzo n’imico imwe imwe? Ni uko ijambo ritungane.

Amateka y’abakenyezi azokubahirizwa gute hari abakenyezi bakizera uburaro n’uburamuko ku bagabo babo? Hari umuntu yomenyera igituma kenshi imisore ihejeje Kaminuza ironderera canecane abageni mu nkumi zihejeje amashure y’imyuga? Hari uwundi yomenyera igituma kenshi inkumi zihejeje Kaminuza zirondera canecane abagabo bahejeje Kaminuza kera kandi bamaze gutera imbere? Kubera iki imisore itinya inkumi zifise amashure menshi? Kubera iki mu ngo z’abantu baciye mw’ishure, amahera yo gusuma, ration atangwa n’umugabo, ariko umugore akaba ariwe ayagéra? Ejo bundi, hari abagenzi bantwengeje kubera abahungu bariko bavuga ngo i Burundi, abakobwa barakunda amaronko cane, abakobwa nabo ngo sivyo. Hari uwomenyera igituma ibintu bimeze gutyo? Kubera iki umugabo atagira imodoka, umukenyezi wiwe akaba ayifise baca bavuga ngo aganzwa n’umugore?

Ndavuga simvura, kandi sindota ko ibintu bizoca bihinduka ejo. Oya, bizohinduka buhoro buhoro. Mu kirundi bavuga ngo ikibarirwa ni icumva, icerekwa naco ni ikibona. Amateka y’abakenyezi azotinda yubahirizwe, nitwayiharanira hamwe, dushizemwo ishaka bizokunda. Tuzohindura bukebuke imico n’imigenzo imwe imwe, maze umwigeme n’umuhungu bangane. Ivyiyumviro vy’abarundi bijanye n’ikibanza c’umwigeme bizohinduka umusi umwe. Kandi ntituzosigara twenyene mu gihe mu bindi bihugu vyose abakenyezi n’abagabo bazoba bangana. Tuzotera imbere mu vy’iyumviro nk’ abandi, gutyo ntidusigare turi iciro ry’umugani. Ukungana kw’abakenyezi n’abagabo kuzoshoboka. Bakenyezi, kenyere mutere imbere!

___

Judicaël aba akongera akiga mu Bubirigi