Vyanditswe na Ihorimbere Judicaël

Ukuyaga n’abantu kurigisha ibintu vyinshi. Burya ikiyago kiri mu vyungura ubwenge abantu, kikanabateza imbere. Haraciye imyaka, narayaze n’umuntu ku bijanye n’ikibanza inzoga zihabwa iwacu, i Burundi. Uyo muntu yarambariye ijambo ryantangaje. Ndiko ndayaga n’abagenzi banshika ku mutima ejo bundi niho naca nibuka ingene iryo jambo ryankoze ku mutima, rikansiga mu bibazo. Uyo muntu yambariye ati : “Burya umuntu anywa inzoga (Amstel, Primus) yonywa izishushe!”. Nanje ndamubaza nti kubera iki? Niho yakomeza ati : “Inzoga zishushe zituma igitigu kitaruha rwose mu kuziyungurura, nayo izikanye ziraconona”. Narumiwe n’inyishu ampaye kubera yari umuntu afise amashure menshi. Nasigaye ndiyumvira nti ngira hari ivyancitse mw’ishure ntamenye. Aho kugabanya inzoga, abantu bonywa izishushe kugira ntibarware? Naciye nihorera kubera ya ndero y’ikirundi idutuma kwubaha abadukurira no kutabavuguruza mw’ijambo bavuze.

Haciye imyaka ibiri ngiye mu kiganiro catangwa n’umuganga yanonosoye ivyerekeye indwara yo kuganzwa n’inzoga (alcoolisme). Ico kiganiro cari categuwe kw’ishure nigako. Uyo muganga bakaba bamwita umu alcoologue. Sinarinzi ko habaho abaganga bagize ivyerekeye inzoga spécialité : médecins alcoologues. Mu kiganiro yatanze, uyo muganga yavuga yuko umuntu anywa ibirahuri bibiri vy’inzoga irimwo umwambiro ku musi, mu kiringo c’imyaka icumi aba ari umu alcoolique. Vyongeye ngo uwurenza ibirahuri birenga bibiri, ico kiringo kiragabanuka. Mu kuvuga ibirahuri bibiri, yavuga inzoga y’ubwoko ubwaribwo bwose. Ni kuvuga, ibirahuri bibiri vya biyeri, bibiri vy’umuvinyu, bibiri vya whisky canke vodka,… Nahavuye njorewe kubera naciye nibuka ikibanza inzoga zifise iwacu mu migenderanire n’ingene abantu bazinywa rwose kandi barenza ico gipimo uyo muganga yatanze. Nisunze ivyo yavuze, hoba hari aba alcooliques benshi iwacu, kuko ivyo birahuri bibiri hari benshi babirenza rwose. Mbere uyo muganga yavuga ko inzoga ari drogue mu zindi kandi ikaze rwose kuko igandagura abantu benshi, kandi ikiganzira abantu bitayigoye.

Iwacu ntawohakana ko inzoga ifise ikibanza kinini rwose. Irahuza abantu bayisangira mbere bakayita mpuzakiyago. I Burundi hari inzoga z’ubwoko butari buke. Hari inzoga za kavukire nk’impeke, inzoga z’ibitoke (urwarwa, insongo), inzoga y’ubuki. Hari n’izindi zaje ziva hanze nk’ibiyeri, imivinyu, n’injabuka (izi ni canecane za alcools forts)… Hariho n’izindi mbere zitemewe n’amategeko, kavukire canke zaje ziva ahandi nka za kanyanga, rutuku, umunanasi, umudrinki… Izo nzoga zemewe n’amategeko ziranyobwa ku rugero runini. Nta rubanza iwacu rutagira inzoga. Ahakoraniye abantu hama hari inzoga. Abayaga baganira bariko barasangira akayoga. Ni ibintu vya misi yose ata muntu bigitangaza. Gushika ngaho nta gishasha kirimwo kuko biremewe iwacu.

Abakera barayamaze bati “nta nzoga itagira ijambo”. Nico gituma kera, baganye inzoga y’igitoke, canke impeke, batumira incuti, ababanyi n’abagenzi. Barasangira maze nyene gutumira agashikiriza ijambo. Bukebuke vyarabaye umugenzo. Ni naco gituma n’ubu mu manza iyo batumiye, bategura inzoga. Abatumire nabo nyene bakaza bazanye izindi. Ikiyago kikaryoha, urubanza rukajamwo akanyamuneza. Vyarabaye umugenzo kuko uwugiye kuramukanya, baramubaza ico bamuzimana kandi kenshi bazimana inyobwa. Iwacu tuzimana ubwambere inzoga. Uwugenze ahandi asanga bimeze ukundi canke hari isano. Mu bindi bihugu bimwebimwe vyo muri Afrika hari aho bakunda kuzimana imfungurwa; mu Bwongereza barazimana kenshi icayi; uwugiye mu Bufaransa baramuzimana umuvinyu, mu Bubiligi bakazimana ibiyeri. Igihugu cose gifise imigenzo yaco.

Ariko abakera bari baciye ubwenge. Bari baragendereje imibereho y’abantu, niho bayamara ngo “inzoga ni nkura mu mubindi ndagukure mu bagabo”. Babivuze barabibonye. Muti gute ? Inzoga irimwo umwambiro, inyowe ata kwigerera kurimwo iraboreza. Iratuma umuntu avuga ivyo atovuze, ikongera ikamutuma akora ivyo atokoze. Inzoga zironona amagara y’abazinywa mu gihe batigerera. Ziratera indwara zitari nke zifatira mu gitigu, mu mushishito, mu mara,.. Inzoga ziratera ama cancers atari make. Vyongeye inzoga ziratera ingorane zitari nke mu miryango. Iyo umwe muri senaka canke umupfasoni wiwe abaye alcoolique, umwumvikano mu muryango uramera nabi. Ubukene buriganzira mu miryango kubera inzoga. Iyo abavyeyi babaye alcooliques bose biracika urudubi. Iyo abana batanguye kunywa inzoga barenza biratera umwumvikano muke n’abavyeyi.

None ibintu ko bimeze gutyo hari ico twohindura? Mu gihe, hari abateye imbere ata handi biyumvira kuyagira atari mu mabari, iryo terambere rizorama? Mu gihe umugabo atanywa inzoga bamutwenga hamwehamwe ngo si umugabo, tuja he ? Mu gihe uwutaja muri ayo mabari gusangira izo nzoga n’abandi baca bamutwenga ngo aganzwa n’umugore, canke ntiyikura amahera, bizohinduka gute ? Mu gihe ku gatumba no mu bisagara ingo zama zasambutse kubera akaborerwe, ibintu bizomera gute ? Mu gihe abantu bama barwanye bapfa akaborerwe, amahoro yandi yova he? Mu gihe ukwezi guhera abantu bagatangura kwishura imyenda y’inzoga banyoye batarishe, tuvyihoze ? Mu gihe kunywa inzoga vyerekana ko umwana yakuze, iyo bamuhaye ikirahuri ca mbere c’inzoga abavyeyi bamwebamwe bakabirata umengo ni intambwe ikomeye? Mu gihe babujije kwugurura amabari imbere y’amasaha amwamwe, hari benshi bitera ingorane mbere bakabirwanya, ibintu bigende gute ?

Muramaze kwumva ya nkuru ya wa mwana yaciye imbere ya BRARUDI akaca avuga ngo: “Aha hantu ko hamota nka papa?”. Uyo yari umwana wa mbere. Uwa kabiri yagiye kwimwesha umushatsi, bahejeje kumumwa, bariko baramwoza na alcool (yo kwa muganga) arinamura ati: “Uno muti umota nk’abavyeyi banje !”. Iciza n’uko abana babivugana umutima w’abamalayika. Ariko harya abana barabona vyinshi kandi bavugisha ukuri. Ni akahe karorero tuzobasigira mu gihe bakuze babona ko iwacu inzoga zifise ikibanza gikomeye? Mbega bazogahabwa nande, ko abavyeyi babo batwarwa n’ama cirrhoses na cancers y’igitigu?

Mbaye wa mucuraranzi Yoya muri ya ndirimbo yiwe “Wiyumva gute”, ngire nti, wiyumva gute iyo uvyutse mu gatondo waraye uborewe? Wiyumva gute ugiye ku kazi unuka inzoga? Wiyumva gute iyo waraye umaze amahera yawe mu nzoga ukabibona mu gatondo? Wiyumva gute iyo waraye uraryagagura umupfasoni canke umushingantahe wawe kubera wazihaze? Wiyumva gute iyo abana bawe batakikubona uri mw’ibari? Wiyumva gute ugonze imodokari yawe kubera uhimvye? Vyongeye wiyumva gute ugiyeko ukagonga umuntu akitaba Imana kubera wanyoye nyinshi? Wiyumva gute ushitse uvuye mw’ibari utukanye canke urwanye? Wiyumva gute ataco ukimarira umuryango kubera ataco ugitahana mu mufuko? Wiyumva gute iyo ugenda urasega abakugurira inzoga? Wiyumva gute wewe uzidandaza uriko uziha abana?

Umuntu wese arakwiye kwibaza ivyo bibazo kandi akiyishura. Akiyumvira ikibanza yoha inzoga mu buzima bwiwe. Ntawohenda abantu ngo nimuje kunywa za Fantas kuko nazo nyene iwacu benshi bashaka kuzinywa barenza, bakibagira isukari irimwo ko ishobora kubatera indwara nka diabètes. Abanywi ba Fantas bamwebamwe nabo nyene bazinywa nk’inzoga : bajanye mw’ibari n’uwunywa inzoga, anyoye inzoga zitanu banywa za Fantas zitanu. Inzoga ziratera ingorane zitari nke, ariko zirafise akandi kamaro ko guhuza abantu. Zirashobora kukagumana, ariko zikanyobwa ku rugero rutarenze. Vyose bihagaze mu kwirinda kurenza. Urwaruka rurakwiye kumenya ko inzoga zifise ingaruka mbi nyinshi. Harakwiye amategeko akomeye kandi akurikizwa arinda abantu kunywa inzoga ku masaha atariyo yose. Amategeko yobuza no kunywa inzoga utarashikana imyaka imwimwe. Nayo ahandi ho, tuzocika amenyo y’abatwenzi mu makungu. Dukenyere ntitwemere ko inzoga zidukura mu bagabo.

Judicaël aba akongera akiga mu Bubirigi