Vyanditswe na Ihorimbere Judicaël

Igihugu cose kirangwa n’akaranga kaco. N’Uburundi, kuva na kera na rindi, bwamye bufise akaranga kabwo. Eka n’intara zamye zifise ibiziranga. Ariko naho akaranga ariko gatuma umuntu aba umuntu, akagira iyo ava, akagira ico yubaha, uko yiyumvira, uko abona ibintu, insiguro aha ibintu, karahinduka uko imyaka igenda. Muri uko guhinduka haba ibintu bishasha vyiza bishobora kwiyongeramwo, ariko harashobora kuza n’ibintu bibi. I Burundi (eka n’ahandi kw’isi) dukunda kudoma urutoke ku bintu bibi gusa, ariko tukibagira ko hariho ibintu bimwebimwe vyiza bishasha biza bituma akaranga n’imico bihinduka, mbere bigahinduka neza.

Hano umuntu yotangura kuraba ingene ibintu bimeze. Iyo umuntu yihweje neza, abavyeyi bacu bamye bidogera ingene imico ihinduka kubera ibintu bishasha bija biraza. “Radio” na “télévision” vyaraje bizana iyindi mico. Abanyamahanga, ingenzi, abarundi bagenze mu bindi bihugu,… bazanye bishasha i Burundi. Ibintu rero vyagiye birahinduka: mu nyifato canecane, mbere n’imico yarahindutse iramera ukundi kuntu gusha. Akarorero gato kama kagaruka: ku vyerekeye inyambaro, n’ubu twama twumva ngo ehe abana basigaye bambara ntibikwize. Ehe ngo bambaye za “mukondo out”, za “munekere”. Aka karorero ko ni aka vuba, ivyo bavuze abigeme n’abagore batanguye kwambara ama “pantalons”, batanguye gutwara imiduga ntawobidondagura ngo abiheze.

Ikibazo umuntu yokwibaza ni: mbega ko tugaya tuvuga ngo ivyaje biva hanze ni bibi, mbega ivyo twahora dukora kera vyo ni vyiza ? Uwayamaze ngo nta kuraba akatsi kari mu jisho ry’uwundi kandi iwawe harimwo igiti cose ntiyabeshe. Imbere yo kuvuga ko ivyo abandi bazanye ari bibi, tubanze twiyumvire ko ivyacu bitumbereye neza kandi bigihuje n’ubuzima bwa none. Uwotangura kuvuga ntiyoheza, hano reka umuntu yihweze ivyerekeye imanza tugira i Burundi. Umuntu yiyumvire ko bigikwiye kuguma uko biri kandi ubukene turimwo i Burundi burenze.

Muri kino candiko, nza kwihweza mfatiye ku manza nkuru dukunda kugira i Burundi. Nza gufata imirwi ibiri: mpera ku manza ziterwa n’ibintu bibi bishika mu buzima, hanyuma mpereze ku manza zijanye n’ibintu biryoshe. Ndaza gushimikira canecane ku manza zijanye n’urupfu, hanyuma ku zijanye n’ubugeni. Niko, mfashe umurwi muto w’imanza ariko umuntu arashobora kuronka ico avugako, kandi uwoshaka kunyunganira ndamuhaye ikaze.

I Burundi iyo umuntu yitavye Imana, hari imigenzo ijane n’urupfu itari mike (si i Burundi gusa, no mu bindi bihugu birabaho). Abantu baragandara, bagahagarika imirimo yabo ya misi yose. Kuva kera, Uburundi bwamye ari igihugu c’uburimyi n’ubworoz i(n’ubu akaba ariko bimeze), imirimo yahagarikwa yari canecane iyijanye n’uburimyi n’ubworozi. Ababuze rero ntibarima muri ico gihe, bafise inka canke intungwa, ntibaja kuziragira. Bahejeje gupfuba uwabo barabandanya ikigandaro imisi mike. N’ubu abantu barahagarika imirimo yabo, ndetse abakora akazi ko mu ma “bureaux” bararonka “congés de circonstance”. Incuti, ababanyi n’abagenzi muri ico gihe baraja gufasha ababuze kugandara.

Ivyo bintu ni vyiza rwose, birakwiye kubandanya bikomezwa rwose, kubera uwo muco uradutuma tuba abantu nukuri. Kuba mu vyago, ukaronka abantu bagufata mu mugongo kandi bakuremesha ni ikintu gikomeye rwose. Hari ibindi bihugu aho bitagenda gutyo, n’ukuryoherwa rero kuko ni ubutunzi bukomeye dufise. Si kukuremesha gusa, n’iyo ubukene bwaguteye udashobora guhamba umuntu wawe n’iteka, baragufasha nukuri. Kandi abantu bagukunda burya ubabona muri ivyo bihe.

Harakurikira gutanga amasuka, aho rero baba bashaka kubwira umuryango wabuze ko ubuzima butegerezwa kubandanya, ko naho uwabo yashengeye, abandi bategerezwa kubandanya kubaho. Hari imigenzo ibiri : guca ku mazi no kuganduka. Ico nzi co ni uko iyo umuntu yitavye Imana yari akiri umwana canke atari bwubake urwiwe guca ku mazi no kuganduka babigirira rimwe. Sinibaza nuko bakoresha amajambo “guca ku mazi” muri ico gihe: baramugandukako.

Guca ku mazi rero ni urubanza bagira iyo umuntu akuze. Kuganduka navyo bizokorwa haciye igihe, ubu kenshi bakunda kubigira haheze umwaka, babigira ku muntu akuze, yari yubatse canke yari afise abana. Vyerekana ko urupfu baruvuyeko, n’ikigandaro giheze. Mbere baravuga ngo bagiye kumarirwa kuri uyo muntu yitavye Imana. Ni urubanza ruhambaye: abana, uwo bahora bubakanye, abavyeyi baranywa amata, bakamarirwa kuri iyo ncuti yabo. Baranabaza ko umuntu hari ico yaraheranye mu ncuti, ababanyi n’abagenzi, kugira baze basigare barishura umwenda yariye. Kandi baratumira abantu benshi rwose.

Reka tuve mu bijanye n’imanza zijanye n’ingorane tuje mu manza zijanye n’ibintu vyiza. Hano ndadoma urutoke ku manza zijanye n’ubugeni. Ubugeni bufise ahanini, ku bikorwa ubu, imanza zikurikira:gusaba irembo, gukwa, ubugeni, gutwikurura, kujana ubugeni. Reka mbaze nsigure mu majambo make rwose, ingene urubanza rumwerumwe rukorwa. Hanyuma ndaheze mvuge ico niyumvira ku bijanye n’uburyo bashiramwo.

Mu Burundi, umuhungu n’umukobwa bashimanye, hari imigirwa bakurikiza iyo bashaka kwubaka urwabo. Umuhungu kugira aronke uruhusha rwo kuja kuramukanya iwabo w’umukobwa, aje kuraba uyo mwigeme yiyumvamwo, yarasaba irembo. Aho rero yaba aronse uburengazira bwo kugendera umukobwa yashimye. Ariko vyagarukira aho, jewe niko ndavyumva, kandi ndabibona. Ngira kwari kugira abandi bahungu boba bafise imigambi kuri uyo mukobwa bamenye ko irembo ryasabwe, ata wundi ari buryinjire, kubera ryatanzwe. Maze abavyeyi biwe nibo baja kumusabira irembo, bagaherekezwa n’abantu bake rwose. Baratwara inzoga bayagirako, bakagemura hanyuma imiryango ikamenyana, bakamenya ko abana babo bagenderanira kandi bashaka kuzokwubaka mu misi iri imbere.

Harakurikira gukwa. Aho rero baba bateye intambwe kurusha. Umuryango w’umuhungu waraje gusaba umugeni. Aho rero baritegura, bakarondera inkwano. Bakavuga ijambo ryo gusaba umugeni, batwaye n’inzoga mbere zitari nke. Inkwano yavana n’ukungene umuryango wifashe. Hari abakwa inka, aba imwe canke nyinshi ku bifashe, aboro barakwa intungwa canke amasuka. Kenshi vyagenda neza, ni urubanza ruryoshe kuko abavyeyi baravuga amajambo aryoshe. Ab’umuhungu bagasaba, ab’umukobwa bagasabisha. Bagahiganwa mu kumenya ikirundi, bakabacisha hirya no hino kugira baryoshe urubanza.

Ubukwe buheze, haca hakurikira ubugeni nyabwo. Umuryango w’umwigeme ukamushikiriza imbere y’abantu, urubanza nyarwo. Imiryango iratumira kugira yereke incuti n’abagenzi ko basohoye abana. Kandi burya ni iteka rikomeye, kurera umwana ukamuha indero hanyuma ukamusohora. Ubugeni buheze, hariho gutwikurura: hano, ni umuryango w’umukobwa ugenda kuramukanya iyo umukobwa yarongowe. Abavyeyi b’umukobwa ntibagendayo kuko hamwehamwe bavuga ngo ni umuziro. Bararungika intumwa, zikagenda zitwaye inzoga, n’ingemu. Hariho n’iyindi migenzo ntarandiriyeko nko kujana ubugeni,…

Ivyo mvuze simvuga ngo ndabizi vyose ingene bigenda, ariko jewe ico nshobora kuvuga ku rugero ngezeko, n’ubwenge mfise nuko izo manza zose zari nziza. Aba izo manza zijanye n’umubabaro, ziratuma abantu bari mu vyago baronka ababaserukako; abari mu kanyamuneza nabo bagatumira abantu kugira basangire ako gahimbare. Ariko ntawohakana ko izo imanza zisaba uburyo bwinshi. Mu bisanzwe, umuryango urarondera inzoga uha abantu, abantu baje nabo bagaterera babishoboye.

Ariko ntitwibagire ko ubukene bwiraye mu Burundi. Harageze ko umuntu yiyumvira ko uburyo dufise budushoboza kubandanya iyo migenzo n’iyo migirwa. Ikigoye nuko kamere kacu ka murundi wese kadashaka kworosha ibintu bimwebimwe. Umuntu wese agerageza kugira urubanza rwiza rutuma batamucishamwo ijisho. Ariko ico twokwibaza ni iki: mbega burya buryo bwose tubishiramwo burakenewe vy’ukuri? Ko umuntu aterera ubu yiteze ko bazomuterera, ibintu ni uko bikwiye kuguma? Ko abantu biruka inyuma y’udufaranga kugira bagire urubanza rwiza, bagafata imyenda ngo baterere biteze ko bazotererwa nabo, koko ni uko bitegerezwa kugenda ? Hari uwambwiye ngo ubu batanze ubutumire, baca baguhamagara ngo bumve ko ubutumire bwashitse neza, bakubaza ngo: “none nze tubonane?” Uwo mubonano ni uwo gutora intererano. Mu ci, imiryango irahakenera rwose kubera imanza z’urutavanako. Ivyo ntibikwiye guhinduka ga yemwe?

Jewe nibaza ko hadakenewe amashure menshi kugira umuntu yiyumvire aheze atahure ko turiko turihenda gato. Umuntu yogira ibishoboka, na canecane ibiri mu buryo bwiwe iyo ariko arategura urubanza. Nta kwituma ico udashobora, nta gutegura urubanza rurengeye uburyo bwawe, tegura urwo mungana, burya hazogutwenga abatagira ubwenge. Ni ukuri, uwuzogutwenga ngo urakenye, canke ngo nta nzoga wamuhaye uriko umarirwa ku wawe, nibaza ko ataratahura ico imanza nk’izo zisigura, nico zagenewe. Uwuzoguha iryinyo ngo ubukwe bwari bubishe, utaronse ico uzimana abashitsi, ntaramenya insiguro y’uwo migenzo.

Hageze igihe hirya no hino abantu batangura kuvuga ko izo manza zitagikenewe. Ariko guheba izo manza nazo ni uguhakana ico turi. Ahubwo ukugabanya gushikuza mu gusesagura nivyo bikenewe. Birakenewe ko tugumana akaranga kacu. Ikidakwiye kwibagirwa ni akamaro, n’insiguro biranga izo manza. Abakizi insiguro z’imigenzo bagasigurira abakiri bato, maze akaranga kacu ntitugate. Icipfuzo mfise, nuko mu bworo turimwo, twoguma turi abantu, ntidute akaranga. Kandi tuvyitwararitse bizokunda.

Judicaël aba akongera akiga mu bubirigi